Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Urwaruka rusabwa kwijukira gukorera mu nani zo kuguranana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Urwaruka rusabwa kwijukira gukorera mu nani zo kuguranana

Burundi : Urwaruka rusabwa kwijukira gukorera mu nani zo kuguranana

mardi 17 Kigarama 2013

Uburyo burakunda kuba intambamyi ku rwaruka rugomba gutangura imigambi, kuja rero mu nani zo kuguranana ico bita’’ crédits solidaires’’, yoba ari imwe mu nyishu kuri urwo rwaruka, bivugwa na Amelie Nimbona ,mu ruganda rwatunganijwe n’ikigo CUFORE (centre universitaire de formation et de recherche en entrepreneuriat).

Ikigo CUFORE catunganije uruganda rujanye no guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ikibazo c’akazi mu Burundi. Gérard Nkunzimana umuyobozi w’ishure kaminuza y’umuco mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ivyo bikorwa, yamenyesheje ko hakiri ingorane y’uko mu mitwe y’urwaruka rwinshi, hari iciyumviro co gusaba akazi kurusha ico gutunganya imigambi yarwo. Karori kabwigiri umwigisha muri kaminuza, umwe mu batanze ikiganiro, nawe avuga ko naho urwaruka rwinshi rwitwaza ingorane y’uburyo, ahanini ikibagumiza mu bushomeri n’uko rudafise muri rwo ikintu co gutunganya imigambi ico bita ‘’culture entrepreunariale’’. Iyindi ngorane iboneka, n’ukwo abenshi bagira isoni bagasuzugura umwuga canke urudandazwa, kimwe mu bituma urwaruka rwinshi rudatera imbere.

Amelie Nimbona umuhanuzi mu vyerekeye ivy’ingurane, nawe yahamagariye urwaruka rufise imigambi gukorera mu nani ico bita’’ crédits solidaires’’ canke gukorera mu ma tontines ni ukuvuga ko urwaruka ruja hamwe, rukaza ruraguranana. Amelie Nimbona ntahakana ko amabanki atizera na gato urwaruka rugitangura imigambi. Avuga ati ‘’ urwaruka ni rwemere gutangurira kuri bito hama rugende ruraduga mu nyuma (commencer petit).

Abari bitavye urwo ruganda basavye ko hotunganywa ibindi biganiro vyohuriramwo urundi rwaruka rwinshi. ikindi, basavye ko hobaho ikigo co kwumviriza abantu batagira ubuzi kuko usanga basa n’abatuntuye ku mutima.

Mwomenya ko urwo ruganda rwari rwitabwe n’abaje baserukira amabanki atandukanye, ikigo c’ubudandaji, urwaruka ruhurikiye mu mashirahamwe atandukanye, hamwe n’urwaruka rumaze gutegura imigambi yarwo aho ndetse rwagiye rurashingira intahe urundi rwaruka n’abandi n’abandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.