Accueil > Ubutunzi > Cumi kw’ijana vy’ivyafashwe bigarukira uwatanze amakuru ajanye na (...)
Cumi kw’ijana vy’ivyafashwe bigarukira uwatanze amakuru ajanye na magendu
samedi 26 Mukakaro 2014
Urwego OBR rurahakana ko ata masezerano namwe rufitaniye n’abatanga amakuru (les informateurs), ahubwo bakamenyesha ko ari igikorwa gihamagariwe umurundi wese kuko ashobora gukorana n’ikigo OBR mu gutanga amakuru ajanye na magendu n’igiturire. Mbere uwutanze amakuru y’urwo rudandazwa rwa magendu hamwe n’igiturire hari agashirukabute kamugarukako.
Abo bita "les informateurs" ni abantu bavuga ko baba bafise amakuru ajanye n’igiturire canke urudandazwa rwa magendu. Mu nama umuyobozi w’ikigo OBR yagiranye na bamwe mu bakozi bakorera ku mipaka, abo bakozi baremeza ko hariho abahora batanga amakuru rimwe na rimwe yo, ariko rero igitangaje hari n’igihe usanga abo bantu bakora urudandazwa rwa magendu binyegeje munsi y’iryo zina, ivyo rero bigashobora gucapfuza abakozi b’ikigo OBR narirya abenshi bishizemwo ko abo bantu bakorera ikigo OBR.
Umuyobozi mukuru w’ikigo OBR amenyesha ko ata masezerano namwe bafitaniye nabo bantu, ndetse ahubwo yaboneyeho akaryo ko kugabisha abakozi b’ikigo OBR boshaka gukorana nabo bantu. Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru wa OBR amenyesha ko umurundi wese yaba uwuri hagati mu gihugu canke hanze, ko ashobora kuba uwo muntu atanga amakuru (informateur), ariko ata masezerano babanje kugirana.
Ariko naho biri uko, amenyesha ko uwo wese atanze amakuru ajanye n’igiturire canke n’urudandazwa rwa magendu (fraude), afise uburenganzira bw’ibice cumi kw’ijana vy’ivyo aba ashoboye kugaruza.
Floxella
Messages
27 Mukakaro 2014, 08:57, par Willy
KO MURWANYA IBITURIRE RUFYIRI AGOMBA KUBEREKA ABABINYONYEZA KO MUTAMUREKURA NGO MUMUHE 10-0 YAVYO MWIBUKE AHO MUBIVUGIYE TU
NTIBIBE KURI BANYARUCARI. LEKA TURINDIRE!!!!!!
27 Mukakaro 2014, 21:54, par NIBARISTE
Ikibabaje nuko uyavuze ucuhigwa buhongo ngo wavyonze akarere
30 Mukakaro 2014, 11:10, par nyakarundi
Ivyo bintu murahuye i Rwanda mwibaza ko hari ico bizobungura ?