IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Léonidas Hatungimana n’abandi icenda birukanywe mu mugambwe CNDD-FDD

Léonidas Hatungimana n’abandi icenda birukanywe mu mugambwe CNDD-FDD

mercredi 25 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umugambwe CNDD-FDD wafashe ingingo yo kwirukana abagumyabanga cumi muri bamwe bamaze gutera umukono kuri za nyandiko zisaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutitoza mu kiringo kigira gatatu.

Ivyo bikaba bishikirijwe n’umuvugizi mushasha w’umugambwe CNDD FDD Daniel Gélase Ndabirabe mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu, bikaba vyateweko umukono n’umukuru w’umugambwe CNDD- FDD Pascal Nyabenda kuri uno wa 25 Ntwarante. Abo bagumyabanga bakaba bagirizwa kuba barigumuye bakaja kubiri n’akarangamutima k’umugambwe CNDD- FDD.

Inyuma y’aho bagumyabanga bakomakomeye bo mu mugambwe CNDD-FDD bariye umutima amenyo bakandikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bamusaba kutiha ikiringo ca gatatu, iryavuzwe riratashe abarongoye uwo mugambwe bahejeje gufata ingingo yo kubirukana muri uwo mugambwe. Tubibutse ko mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, co ku munsi wa kabiri umukuru w’uwo mugambwe, yabagereranije n’abakeba, mbere ko ata kindi boba bagamije atari gusenyura inzego za Reta.

Muri abo birukanywe akaba ari urutonde rugizwe n’abantu cumi bahora bakomeye muri uwo mugambwe. Uwa mbere ni umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana , Nduwimana Onesime yahora ari umuvugizi w’uwo mugambwe, Barahemana Francisko , Kanyange Genevieve, Niragira Yohani Berchmans , Bucumi Moise, Nsabiyumva Evaritse, Nyandwi Anselme, Ndayiziga Oscar. Tubakibutsa kandi ko aribo bafashe iya mbere mu kwandika rwa rwandiko rwo guhanura umukuru w’igihugu kwitoza ubugira gatatu.


Floxella Karire

Messages

  • iyongingo niyo kuko biraboneka neza kobakoreshejwe yababari abagumyabanga vyukuri barikuvyigirahamwe batagiye hejuru bakabikora mukinyegero nomukubishirahejuru bobonekeko aribihangange ntabangabaribagifise bsmenyeko umugabwe suwabo nuwabanyagihugu abonibagende nabandi bsrinyuma kanfi kuvakera vyamyeho ibinibisemhuzi cnndd nayo yamyihisimba kuvakera

  • Aho niho abantu bihendera,kwirukira gufata ingingo zagasakisaki kubantu barwaniye umugambwe bawuguye inyuma ngo nuko Nkurunziza agire ahaze umuryango wiwe nakarwi kari kabantu bamwe bamwe aho abantu batiyumvira naho twibaze ibibazo
    - none abo data birukanwe mumugambwe baca baja hehe?
    - ugira baca baja kwicara ngo bashimire ababirukanye
    - mbe ugira abasigaye canke abo bafashe amategeko bagiye kworoherwa
    - mbe Nyabenda umugambwe nuwiwe na Peter?
    Ntibasohoke munama zo gufata ingingo kuko n,abandi bari inyuma bazosanga no mungoro y,umugambwe batazoyisohoka kuko bazoguma bafata ingingo nabandi bari inyuma
    Nyabenda we ugira umaramare umaramarane nuwo shobuja wawe kuko murajana,abanyagihugu ntituzokwigera twemera canke twihanganira abantu nkamye imbwa yahiye k,umurizo iti buraca tuhereke abagabo,bangira gato

  • N’inkina mico bariko batwereka kuko mandant ya ba dd yari irangiye kubakura n’ukutabakura n’icokimwe baramaze kuzuza imipfuko yabo.Iryo niryo kosa ryambere ribaye muri cndd fdd aho bibiye igihugu bica abantu abandi babapfunga ko batabibakuriye.

  • Nivyiza Kubakura Mumugambwe Kuko Bicabibonekanezako Wamuhanuzi Mubi Yahanura Rwasa Guheba INSS NOBO YARABAGENDEYE IYONYOSHAMBI IKWIYE GUFATWA

  • Kubirukana Siwomuti Kukonibandanya Kubirukana Babamarabose Kandibazirukuri

  • Kubirukana Siwomuti Kukonibandanya Kubirukana Babamarabose Kandibazirukuri

  • Nibakurwe bakuwe nkabagabo hari abazovayo babundabunda ukuri nikumwe kandi aho bazoba bari hose bazokwitwa imvuga kuri!abarabira ibintu kure cnnddfdd iragiye akagirire havuyemwo abantu bijambo ntagisigayeyo kweli!

  • Iyo ngingo ni yo kuko akarangamutima ntibagira na mba.ahubwo hari hageze ko bibonekeza bakareka kutwihishako.leonidas wewe yaramenje kuko arazi urugamba icarico ntiyarakwiye gukurikira abo bandayiziga nabandi.

    Harico bibagira umugambwe nuwabanyagihugu suwabantu badashika ijana.MUzobaduhe tubahanure twbw abanyagihugu

  • Mbega nkubu aba dd bovuga bati dutembereze urwandiko rwabashigikye nyakubahwa peter NKURUNZIZA boronka naho basinya!rerka reka ako karwi gatanguye ivyo nikererwe ariko twebwe abanyagihugu turazi aho cndd fdd yadukuye.
    TUzoyitora twongere dutore umutama wacu hamwe umugambwe womugomwa.
    kuri ivyo rero pascal nyabenda komera kumuheto.
    Icihutirwa nikubasubiriza incabwenge muri système turacariho.KOMERA.

  • Ivyo twiyemeje ntagihinduka nabakure abamare ariko iciyunviro cabo mwakuye nico abarundi dushigikiye Nyabenda we ntakindi Gihano tuzomuha atarukumwendesha nyina.

  • Mbega aho Nyabenda Pascal aguma yirukana abagumyabanga n’abakenyererarugamba b’ijunja n’ijambo bakukira umugambwe wa Cndd-Fdd, yiyumvira ko wewe na Nkurunziza bawusigajemwo amezi angahe mu vy’ukuri?...

  • hohohoho! Nukuri kwamungu kitabananiye! Ico Kinyabenda na Gelas mwibuke ko hariho aba general 10 bakomoka muri CNDD badashighkiy kwitoza kwa peter,ubu naho hiyongeyko aba cevil 12 kandi kizigenza mumugambwe! Suyo peter na Nyabenda buca mukugugwa nigisirikare. Ico umukecuru yicuze ariko ara cumba ntibuca ka2 atakibonye. Imbwa yahye kumurizo hohohoho! Nukuri kwamungu kitabananiye! Ico Kinyabenda na Gelas mwibuke ko hariho aba general 10 bakomoka muri CNDD badashighkiy kwitoza kwa peter,ubu naho hiyongeyko aba cevil 12 kandi kizigenza mumugambwe! Suyo peter na Nyabenda buca mukugugwa nigisirikare. Ico umukecuru yicuze ariko ara cumba ntibuca ka2 atakibonye. Imbwa yahye kumurizo bati...!

  • Ahaaa...uwuvuze ukuri mbega?aca yirukanwa mumugambwe,bigatako akabogozwa mumabanga muri fdd turafise incabwenge nyishi bokwitoza,ahubwo urwo rwandiko nirukwiragizwe muntara n’abandi turushireko umukono ndazi ko rwoyuzura tukabura n,aho dutera umukono,turibeshi tutagomba ko asubiza igihugu mumanga.Leonidasi n’abandi nibakomere.Azosigara na nyabenda hamwe na nyamitwe bonyene.

  • Barihenda gooose. Ni babandanya babakuramwo bazobamara bose. Abo bakuwe mu mugambwe ni abantu b’ijunja gose...abandi bazobakura hehe? muza kumaramara ko mutanguye gucanamwo basha...iyo mucisha ibintu mu muco n’abandi bobemeye bakabakurikira neza babakundira imigabo n’imigambi myiza none mwiyerekanye nabi no hanyuma ntawuzobatora. Abo mufise ni abo ntimuzosubira kuronka abinjira atari abasohoka...naje narigiriye kubera ivyo mwakora bitampimbara

  • Ahaaa...uwuvuze ukuri mbega?aca yirukanwa mumugambwe,bigatako akabogozwa mumabanga muri fdd turafise incabwenge nyishi bokwitoza,ahubwo urwo rwandiko nirukwiragizwe muntara n’abandi turushireko umukono ndazi ko rwoyuzura tukabura n,aho dutera umukono,turibeshi tutagomba ko asubiza igihugu mumanga.Leonidasi n’abandi nibakomere.Azosigara na nyabenda hamwe na nyamitwe bonyene.

  • ico c’iyumviro ni nyakuri imyaka cumi irakwira nabise abandi

  • Ok, ko Nkurunziza ashaka kugaruka gutwara ubugira gatatu avuga ko abanyagihugu bataramutora ubugira kabiri, egome niyitoze, mugabo nihagera ko atwara yatsinze amatora, tuzobanza tumubaze kwanza atwereke aho vyanditse muri Constitution ko arekuriwe ikiringo kigira gatatu, none sivyo? Aho rero niho hari obstacle/barriere ikomeye kandi dushobora no kwifashisha mu gihe twipfuza ubufasha bwa Communaute internationale ishobora kumuvanako ata nduru nyinshi zihabaye... Ntimusese amaraso y’abanyagihugu k’ubukunzi bw’inda bwa Nyabenda nabavuga rumwe nawe kuri ico kiringo. Tugire amahoro!

  • Nyakubahwa umukuru wumugabwe urarabaneza ntuzohav usanga usigayurumwe mwe bandanya iyo politike yo kubirukana turabe iyobiherera ok mwe nezerwa

  • mwabantumwe mujejejwe ikinyamakuru igihe nimwihanure abantu bandikaka ibitutsi biteyisoni nkivyo mureke kubishiraho mbe kwiyo twanditse ibityoza rwasa canke abandi barwanya leta naho tuba twabikoze murupgfasoni tudatukanye komuttabishirako mukubahuka ibitutsi nkivyo vvyuwo yiyise baratuza muradutommorera name komuri mubarwanya let’s canoe komurabamenyeeshhamakuru bigenga?

  • arabesha amahanuzi aramufata

  • mwabantumwe mujejejwe ikinyamakuru igihe nimwihanure abantu bandikaka ibitutsi biteyisoni nkivyo mureke kubishiraho mbe kwiyo twanditse ibityoza rwasa canke abandi barwanya leta naho tuba twabikoze murupgfasoni tudatukanye komuttabishirako mukubahuka ibitutsi nkivyo vvyuwo yiyise baratuza muradutommorera name komuri mubarwanya let’s canoe komurabamenyeeshhamakuru bigenga?

  • mwabantumwe mujejejwe ikinyamakuru igihe nimwihanure abantu bandikaka ibitutsi biteyisoni nkivyo mureke kubishiraho mbe kwiyo twanditse ibityoza rwasa canke abandi barwanya leta naho tuba twabikoze murupgfasoni tudatukanye komuttabishirako mukubahuka ibitutsi nkivyo vvyuwo yiyise baratuza muradutommorera name komuri mubarwanya let’s canoe komurabamenyeeshhamakuru bigenga?

  • Ubwo burwi bwanka guhanurwa bugomba iki biraciye ingani umugabwe wacu muwuvuruge gutsindwa bitangurira aho kandi mwanka guhanurwa ntimwibaza birya bihugu vyarutura ko bizobihanganira nzoba mbona

  • Ahaaa Uburundi Buzohora Muntambara Imana Iganyire Uburundi N’abarundi Umuntu Aravuga Ukuri Akakuzira Nibasubire Arusha Batubwire Ko Baduhenze Tubimenye Abo Bagumwa Banga Mwavanyemwo Iryonishavu Gusa Mufise Ko Mwohava Mutsindwa Bavuze Ukuri Ntibibaze Ngo Ni Busente Rajab Baciye bapfunga Abandibo Bararura
    Imwaka10 batwaye Iramaze Bazokora Ububi Bageze Ryari

    Bashatse Kugandagura Umupfasoni Wintahangarwa Y’uburundi Rwasa Agathon Biranka

    Noneho Batanguye Kukuramwo Abagize Umugambwe Wa CNDD FDD Hazoca Hasigaramwo Bande,....? Baciye Umugani Mukirundi Bat Ntawuta Intaro Izindi Zaseshe Nibahumure Ubwicanyi Buzitwese.,....

  • ewe dd ugombutembe nabi basi uwababony mukwez kwicenda mumwakuheze mwigina imyakine mutway ikiringo cakabiri agacu abonubu ukwibintu biri ntiyokwemera kwari mwbw mbenyabenda kwabirukana arimwe mwahamushiz arakomey neza nimukore kuko nubusa burazirwa mwho muzizukuri nimwirambir

  • Ni hehe mwabonye ubwato burohama mu mazi ababurimwo bakagumamwo ata nkomanzi? N’uwutazi kwoga aragerageza gukiza amagara yiwe kuko aba azi neza ko amaherezo yabwo ari mu kuzimu. Kugumana rero na Nkurunziza bazi neza ko bose bazoruhukira mu manga ntaco bimaze, vyiza nibamureke yijane kuko wewe arafise naho azoja kuba arikinze nateshwa utwiwe alors que les suiveux nka ba Nyabenda bazoja kuri liste noire y’Igihugu en attendant que zisubira guhindura imirisho.

  • Ubu igisigaye nuko NDUWIMANA Eduard yokwemerera umugambwe mu shasha CNDD FDD nyakuri kugira CNI ibe iramenya intonde z’imigambwe zizitaba amatora , hakaba kandi uyundi mugambwe UPRONA wiyonkoye kuri Concilia sinzi nawo ingene tuza kubita UPRONA numero 3,Edward ikibazo ca Rwasa , Nditije , Sinduhuje , Leonce carakunaniye none uzobishobora gute ubu naho haje mwo CND FDD nyakuri , abavanye na Concilie NIBIGIRA kina umukino wapolitike turabe .

  • Pascal NYABENDA ariko yirukana abagize umugambwe kuko azi abandi aho bari mumatora CNI izokora uko bigenda kose ijwi rya NYABENDA Pascal , NYAMITWE Willy , MUTABAZI Jean dodien , KABURUNGU , NZOJIBWAMI Augustin amajwi yabo ashobore gushikana Peter NKURUNZIZA kubutegetsi kuko nibo bonyene nunvise bashigikiye ikiringo ciwe .

  • CNDD FDD nirabe ukuntu yokwirukana mumugambwe umucangero Pascal Nyabenda n ayahandiho aravuruze ibintu kukumucangero we a tana hamwe yodudushikana .

  • Nubu umugabo yama ari umugabo nibeme bapf bavuz ukuri nabandi barinyuma

  • Jewe mfise ICO mbaza uburundi nabarundi, ubu koko habuze ingene mwokumvikana mpaka mugeze kumigumuko? Mbega ntimworengera abarundi gusumba iyungu zanyu kugira ntihagire amaraso ya bene bururundi yongera kumeneka bazirubusa? Ubu muriyobagije ikibazo c’impunzi zo hagati mugihugu no hanze y’igihugu ntibagiye impubyi, abapfakazi eka n’ubukene hamwe na ninkurikizi zintambara, mubona ko ngaho iwacu aritwe tuzokwama mundyane zitagira akamaro? Ndabasavye mwikebuke imana muyihe ikibanza cayo ntimukagihe umugwanizi Satani, murakoze muze mugire imana my kumvikana kubibatandukanya.

  • Abo nibo bagumyabanga twrmera rero ,abo bitwa ko birukanywe nibo twemera kuko nibo bahaharatiye akaranga mutima ka CNDD FDD

  • Cndd-fdd uburero niho igiye gukomera nyagukomera .Abantu biyita aba Cndd-fdd ataribo ku mutima bakwiye kugenda hakiri kare.Leonidas Hatungimana
    niwe yibagiwe vuba icatumye ava kw’ishule akibagirwa akaboko kiwe agenda aseguye.Iyo abantu batabona iyo baja birabagora gufata inzira nziza.Tutasonga mbere kwa uwezo nangufu za wanainchi.

  • @Hermes
    "Iyo abantu batabona iyo baja birabagora gufata inzira nziza. Tutasonga mbere kwa uwezo nangufu za wanainchi."
    Sha wewe umenga ikintu citwa intwaro y’isangi kiragusiga: Nkurunziza twaramutoye hanyuma yarangije igihe ciwe! Ntashobora gutwara nk’abami kuko ntiturasubira kubimika! Raba Obama agiye guheza imyaka umunani hanyuma yatanguye kwiyumvira kwikuriramwo akarenge! None wibaza ko Nkurunziza amurusha les couilles comme dirait l’autre?

  • Abarundi barayamaze bati akabaye icwende ntikoga kandi ngwi nyana iranura ariko ntishira irenda. None abahutu namwe barakatweretse abatari bwavuke ahohambere.
    None niba ivyo ativyiyumviro vyabantu barongoye abandi how do people survive?

  • abarundi ndabakunze cyane,gusa nkabarya bagumyabanga bakuru ntibarigukora biriya bakoze,bari gusaba umubonanano n’umukuru w’umugambwe bakamugezaho ivyiyumviro vyabo,naho kubijyana mumuhanda bifatwa nko kugumura abanyagihugu,ndashima ingingo umugambwe wabafatiye nundi ajo azabinereho, ibibazo by’umugambwe bikemukira mumugambwe apana mwitangaza makuru,ubuse Peter atitoje ntibaba bayatayemwo,kandi nkeka arimo gutegura uzomusubirira, maze nawe akamuba hafi,Peter aracyarimuto cyane kandi yafashije igihugucye kuva muruhuri rwibibazo cyarigifite, bityorero nanyuma ya 5ans yagaruka abarundi bakamutora, ntagitutu afite rwose,ahubwo abo birukanye n’ubundi bari muri systeme ya cndd-fdd batayishaka ninkababandi bumva ibomba imwe kurugamaba bagaca biruka.

  • abo bahutu mubareke barahaze sha!!, iyo itaba CNDD-FDD ntibaba baragiye muri iyomyanya barimo barakangisha, iyo itaba cdd-fdd ntanumwe muribo ndetse n’abana babo aba ikigra ibujumbura,bose baba bitwa imihirimbiri,abanyakamenge,abamenja,inyankaburundi nayandi, nubundi ngo bibagira vuba cyane mwena abo. cndd-fdd yarakoze turashima,abavukiye mumahanga kubera intwaro y’ivangura ubu niyo twoburara turi iwacu,ntawugucagura ngo akubuze kwiga kandi ubishoboye,.. ababijejwe nimubasimbuze abandi kuko umugambwe ni munini cyane,ntamuntu kamara.

  • hemw mwarasiny muzotota.ariko Festus aribagiy ingene yashigikira mandat ya Peter nishavu ryinshi mumacakubiri arengej.ahejej kutwiba muri appn munyabugete aragow nta kuri kxix

  • Ewe burundi ngire ndakururilbe ewe burundi ngire ndaguhayagize ’uracafise abashingantahe’imana ishimwe kuko bari barihebuye

  • jewe ndaziko abagunyabanga bose abasinye kurugwo gwandiko nabarindiye icobazovuga mwikoraniro rikuru ry mugambwe cndd fdd barazi umugambwe cndd fdd ingene wavutse rero ntibashobora kuwugabagura nkuko twumva iyindi migambwe yirigwa igabura ngo habeho cndd fdd nyakuri na cndd fdd nyakinyoma ivyanditswe nivyavuzwe binyereka ko umugambwe ukomeye kuko ufise abagabo bafise ivyiyumviro bitandukanye ivyonavyo n ubutunzi abagumyabanga mutekereze turorere ikoraniro kamonuza kandi muremye imana dusenga irakunda uburundi nabarundi

  • NDABAHAYE MWIRIWE KUBONA UMUGAMBWE WA CNDD FDD WICAMWO KUBIRI BIRATERUBWOBA ABANTU

  • MBEGA UWO HATUNGIMANA KO YANKA NKURUNZIZA KUKIRINGO AMAZ ATWARA BARI KUMW.MBE ABA NYA CANKUZO,GISAGARA AVUKAMWO YABAMARIYE IKI?KO YAGIZE ICO YOBAMARIYE ACA ARACIRENZA."UWUKIZE ISEMU NTAMENYA ICAYIMUTEYE"

  • NUKURI JEWEVYARAMBABAJEKUMVA YUKO BAKUWEMUMABANGA YABOYOKURONGORA.MBEGANKIYABA YARINKAPITA YARIKURWAMUMABANGNUKURI JEWEVYARAMBABAJEKUMVA YUKO BAKUWEMUMABANGA YABOYOKURONGORA.MBEGANKIYABA YARINKAPITA YARIKURWAMUMABANGA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.