Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Darfur : Abanyagihugu bahitamwo kuba mu ntara yigenga canke bagume uko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Darfur : Abanyagihugu bahitamwo kuba mu ntara yigenga canke bagume uko (...)

Darfur : Abanyagihugu bahitamwo kuba mu ntara yigenga canke bagume uko bahora

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Igihugu ca Sudani catunganije amatora ya kamarampaka azomara iminsi itatu kuva kuri uwu wa mbere, akazotuma abanyagihugu bahitamwo namba akarere ka Darfur kaguma kagizwe n’intara zitanu canke kakaba intara imwe yigenga.

Ayo matora yatanguye kuri uwu wa mbere mu karere ka Darfur, yatunganijwe mu nzira y’umugambi w’amahoro hagati y’ubutegetsi bwa Sudani n’ababurwanya barondera ubwigenge.

Nk’uko BBC ibivuga, imirwi imwe iteganya kutitabira ayo matora, iyo mirwi igasigura ko atari ayo kwizigirwa.

N’aho iyo mirwi yamaze kumenyesha ko ayo matora atatunganijwe ku mugaragaro, umukuru w’igihugu Omar al-Bashir avuga ko ivya nkenerwa vyose bihari kugira habe amatora mu mwidegenvyo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.