Accueil > Kwidagadura > Amareresi > David Beckham agiye gutangura gukina amareresi atwenza
David Beckham agiye gutangura gukina amareresi atwenza
mardi 8 Nyakanga 2015
David Beckham yahoze ari umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru,yamenyesheje ko agomba kwinjira mu mwuga wo gukina amareresi,atanguriye mu mareresi yo gutwenza.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Times,David Beckham yavuze ko kuva akiri muto yamye yiyumvamwo gukina amareresi,kandi ko yamye afise indoto zo gushika no ku rugero rukomeye.
Ntivyatangaje benshi, kuko David Beckham yagiye araboneka mu mareresi atandukanye nka : Agents tres speciaux, Code Uncle na Le Roi Arthur, yagiye abifashwamwo n’incuti yiwe Guy Ritchie umuhinga mu bijanye n’amareresi.
David Beckham yavuze kandi ko mu gihe yari amaze gutinyuka gukina ireresi vyatumye abikunda kurushirizaho,mbere aca yipfuza no kuguma mu mareresi,ariko ntiyateye abijamwo kuko yabona ko bitotera bimuzanira inyungu yavyipfuzamwo.
Yavuze ko adakekeranya ko abakinyi b’umupira w’amaguru bahavuye binjira mu mwuga wo gukina ireresi zo gutwenza.Avuga ko nawe bitamuca intege kuko yabigiyemwo abikunda,kandi ko ari umwuga utoroshe kandi bisaba kuwujamwo ufise ingabire kandi uwuha icubahiro.
David Beckham w’imyaka 40 yaramenyekanye cane mu mupira w’amaguru,aho yakiniye imirwi ikomakomeye kw’isi ,nka Manchester United mu mwaka w’1992 agifise imyaka 17 y’amavuko. Yarakiniye kandi igihe kinini umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Nyakanga 2015, 10:12, par dominic
Nisawa afise nisura ibereye kutwenza