Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Miranda arondera ko amabanga yiwe atosomwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > David Miranda arondera ko amabanga yiwe atosomwa

David Miranda arondera ko amabanga yiwe atosomwa

mardi 20 Myandagaro 2013

David Miranda, umugabo yafatiwe Heathrow igihe c’isaha icenda ku w’Imana, ariko araraba ko amategeko yobuza igipolisi gusoma ibiri mu bikoresho vyiwe vyafashwe.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwashigikiye ifatwa rya Miranda buvuga ko igipolisi gitegerezwa kugira ico gikora iyo cibaza ko umuntu kanaka afise ’’amabanga akomeye cane yibwe ashobora gufasha iterabwoba’’.

David Miranda, umugenzi w’umumenyeshamakuru wa Guardian Glen Greenwald, yafatiwe ku kibuga c’indege hisunzwe amategeko yo kurwanya iterabwoba. Ikinyamakuru Guardian kivuga ko gishigikiye urwo rubanza ariko ko atarico kiri imbere mu kurushingisha. Iryo fatwa rya Miranda w’imyaka 28 ryariyamirijwe n’abanyepolitike hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Bwongereza n’abategetsi ba Brezil.

Uwujejwe gukurikirana ingene amategeko yerekeye iterabwoba ashirwa mu ngiro David Anderson QC, yavuze uburebure bw’umwanya Miranda yamaze apfunzwe butari busanzwe aca avuga ko ahava abonana n’igipolisi. Uwo munyabrezil yafatiwe Heathrow ari mu nzira ava i Berlin aja Rio de Janeiro aho asanzwe abana na Greenwald.

Greenwald yaranditse ku mabanga ajanye n’umutekano yibwe agashirwa ahabona na Edward Snowden yigeze kuba akorera inzego z’igendereza za Leta Zunze Ubumwe za Amerika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.