Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Moyes yasezerewe muri Manchester United - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > David Moyes yasezerewe muri Manchester United

David Moyes yasezerewe muri Manchester United

mardi 22 Ndamukiza 2014

David Moyes umumenyereza yahora amenyereza umurwi wa Manchester United bamusezereye. Yari amaze amezi 10 amenyereza uwo murwi, Ryan Giggs yahora akina muri uwo murwi agiye kuba arawumenyereza mu kiringo mfatakibanza.

JPEG - 57.8 ko
David Moyes yahora amenyereza Manchester United

Inyuma y’amezi 10 David Moyes ariko amenyereza umurwi wa Manchester United, yasezerewe mu gitondo c’uwu wa kabiri w’igenekerezo rya 22 Ndamukiza. Kuva uwo mumenyereza ashize mu biganza vyiwe abakinyi ba Manchester United, we n’abakinyi b’uwo murwi ntibigeze boroherwa kuko uwo murwi watsinzwe inkino 11 mu mahiganwa.

Uwo mumenyereza aturuka mu gihugu ca Ecosse yakiriye muri uwo murwi asubiriye Alex Furgueson yamenyereje uwo murwi imyaka 26, imbere y’uko akukuruka.
Uwitwa Ryan Giggs niwe agiye kuba aramenyereza Manchester united mu kiringo mfatakibanza. Abavugwa ko bashobora gusubirira David Moyes ni nka Louis Van Gaal umumenyereza wo mu gihugu c’Ubuholande, Jurgen klopps umuyobozi w’umurwi wa Borussia Dormund, Diego Simeone afata mu mugongo umurwi wa Atletico Madrid hamwe na Laurent Blanc umumenyereza w’umurwi wa Paris-Saint-Germain.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.