Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United

David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United

vendredi 10 Rusama 2013

Umurwi w’umupira wa maguru uri kw’isonga mu Bwongereza, Manchester United, wemeje ko umumenyereza wawo mushasha azoba David Moyes.

David Moyes yari amaze igihe ar’umumenyereza wa Everton.
Agiye gukorera mu ngata Alex Ferguson aroye gutangura akaruhuko k’iza bukuru, inyuma y’imyaka 27 amenyereza uwo murwi.

Ferguson yahesheje Manchester United ibikombe 38, ibikombe ata wundi mu menyereza yigeze abona muri kahise k’umupira w’amaguru mu Bwongereza.

Alex yavuze ko ata nkeka ko David Moyes ashoboye rwose umurwi wa Manchester United.
Moyes yemeza ko ari iteka yatewe, kandi ngo azi neza ko bitoroshe gukwirikira umumenyereza nka Alex Ferguson.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.