Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Denis Sassou Nguesso yemerewe kwiyamamaza mu kringo ca gatatu
Denis Sassou Nguesso yemerewe kwiyamamaza mu kringo ca gatatu
vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par
Inyuma y’iminsi ibiri sentare nkuru iriko irasuzuma amakete y’abasavye kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu gihugu ca Congo-Brazaville kuwa 20 Ntwarante 2016, muri cumi banditse amakete, icenda nibo bemerewe kuzokwiyamamaza, umwe (Luc Parfait Tchinianga Mavoungou) arankirwa kuko atatanze amafaranga y’ingwati angana n’imiriyoni hafi mirongo indwi z’amarundi.
Muri abo icenda bemerewe hakaba harimwo Denis Sassou Nguesso, umukuru w’igihugu wa Congo-Brazaville agira yiyamamarize gutwara ikiringo ca gatatu. Abandi bazohiganwa ni André Okombi Salissa, Guy-Brice Parfait Kolélas, Claudine Munari, Pascal Tsaty Mabiala, Anguios Nganguia Engambé, Joseph Kignoumbi Kia Mboungou, Michel Mboussi Ngouari, Général Jean-Marie Michel Mokoko yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.
Umukuru w’igihugu Denis Sassou Nguesso agiye guhiganirwa ikiringo ca gatatu inyuma yo gutwara Congo-Brazaville kuva mu mwaka w’1979 gushika mu 1992, asubira gufata ubutegetsi kuva mu 1997 gushika n’ubu akaba ariwe akiramutswa ico gihugu.
Ukwiyamamaza kuzotangura kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 18 Ntwarante 2016.
IGIHE
Messages
26 Ruhuhuma 2016, 15:15, par INTAGOHEKA
NGWESSO KOMERA URUMUGABO NKA NKURUNZIZA GUMA KWIVORA UWUZOKWANKA NAWE UMUVUGUTIR UMUTI NKUWO NKURUNZIZA YAHIYABANYAKIBIRI NABARAHO BITAZ IRIYE BA SINDUMUJA EREGA USANGA MANDA YABO ITARAGERA