Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Diamond yahatswe gucibwa ukuguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Diamond yahatswe gucibwa ukuguru

Diamond yahatswe gucibwa ukuguru

mardi 17 Ntwarante 2015

Diamond, umuririmvyi akomeye mu gihugu ca Tanzania yahatswe gucibwa ukuguru igihe yagenda kwivuza kubera ukuguru kwiwe kwamurya cane.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru Global Publisher avuga ko Diamond yatwawe mu bitaro bikomeye mu vyo kuvura ingorane zo mu magufa mu gisagara ca Dar-es-Salaam, ari naho ariko aravurirwa mu gihe yafashwe aribwa cane mu kuguru.

Umwe mu baganga bariko baramuvura bavuze ko Diamond basanze indwara yiwe yarayimaranye imyaka ibiri, kandi iyo ateba vyaba ngombwa ko bamuca ukuguru. Ku bw’uwo muganga, Diamond yarasamaye cane kubera ativuje iyo ndwara, vyongeye mu biteramo yaguma akora yatambisha ukuguru kwiwe, ari navyo vyatumye aremba cane.

Ubu, abaganga bagiye kumubaga ningoga kugira bakureho uburyo bwose bwo kumuca ukuguru.Umuganga akurikirana Diamond abwira abakunzi ba Diamond abizeza ko bariko bakora uburyo bwose bushobotse kugira agire amagara meza.

Diamond rero yafashwe aribwa cane mu gihe yatwarwa mu bitaro, ivyo bikaba vyavuye ku maraso atatembera neza mu kuguru kwiwe, bigatuma ababara cane.

Mwomenya ko Diamond arwaye mu gihe nyina wiwe asanzwe ari mu Buhindi kwivuza, vyongeye n’umukunzi wiwe Zari yibungeze umwana wiwe.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.