Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Doing Business 2014 : Uburundi mu bihugu cumi vyateye imbere muri (...)
Doing Business 2014 : Uburundi mu bihugu cumi vyateye imbere muri Afrika
mardi 29 Gitugutu 2013
Uburundi, Côte d’Ivoire n’Urwanda vyashizwe mu bihugu cumi muri Afrika vyateje imbere ubudandaji, nk’uko icegeranyo ca Doing Business umwaka w’2014 cashizwe ahabona n’umurwi wo mw’ibanki y’isi yose kuri uwu wa kabiri kibimenyesha.
Ico cegeranyo cerekana ko mu bihugu mirongo ibiri vyateye intambwe mu bijanye n’ubudandaji n’ukworohereza abanyamitahe kurusha ibindi, icenda murivyo ni ivyo muri Afrika yegereye Sahara, ivyo navyo ni : Burundi, Sierra Leone, Guinée Bissau, Rwanda, Togo, Bénin, Liberia, Côte d’Ivoire na Guinée.
Umuyobozi w’umurwi (Global Indicators and Analysis ) wo mw’ibanki y’isi yose wakoze ico cegeranyo, Augusto Lopez-Claros, yamenyesheje ko bishimishije kubona ibihugu vyinshi vya Afrika yegereye Sahara bihagurukira kworohereza abanyamitahe n’abadandaji. Mu cegeranyo cakozwe mu mwaka w’2012 ushira uw’2013, ica kabiri c’ibihugu vyo muri ako karere nivyo vyerekanye intumbero zikomeye zo guhindura bagereranije n’umwaka w’2005.
- Ikigo co mu Burundi kijejwe kworohereza abanyamitahe, API (Agence pour la Promotion des Investissements)
Doing Business, uko mwaka uheze, isuzuma ibimenyetso cumi vy’itunganywa ry’ishirahamwe ry’ubudndaji, kuva rigitangura, gushika ritangure kwinjiza n’ugusohora ibidandazwa. Ico cegeranyo kiragenzura kandi uko iry shirahamwe ririha ikori, ingorone rihura nazo hamwe n’uko zitorerwa inyishu bivanye n’aho rikorera.
Ico cegeranyo ca Doing Business c’umwaka w’2014 kigize ica cumi na rimwe, kikaba cakoreye ku bihugu 189 vyo kw’isi yose.
Egide Nduwimana
Messages
29 Gitugutu 2013, 15:16, par nduwimana
egome.nisawa.ubundinatwentidukwiyeguhora.inyuduterimbere
29 Gitugutu 2013, 17:27, par Arikoye
Ntibandika Uburundi, Urwanda ahubwo bandika u Burundi, u Rwanda. Mujye mumenya kwandika neza!!
30 Gitugutu 2013, 01:01, par Did
Wewe musomyi yaco ubesha ivyo utazi. Mu kirundi n’uko nyene bandika. Uburundi, Urwanda. Wanditse uko wewe uvuga (U Rwanda, U Burundi) kiba ari ikinyarwanda. Banza ubaze neza imbere yo gutora amakosa