Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwateye imbere ibibanza 41 mu cegeranyo ca Doing Business (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi bwateye imbere ibibanza 41 mu cegeranyo ca Doing Business (...)

Uburundi bwateye imbere ibibanza 41 mu cegeranyo ca Doing Business 2014

samedi 24 Rusama 2014

Ishirahamwe API risanze rifasha abanyamitahe mu Burundi ryarashize ahabona icegeranyo ca "Doing business". Muri ico cegeranyo cerekana uko ibihugu vyorohereza abanyamitahe, Uburundi bwarateye intambwe mukuva mu kibanza c’181 buja ku kibanza c’ 140.

Mu nama yo kuri uyu wa gatanu wa 23 Rusama 2014, hushikirijwe icegeranyo ca "Doing Business" cerekana ivyo gutunganya ibijanye no kworohereza abanyamitahe mu Burundi. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri, ari nawe yatanguje ibikorwa vy’iyo nama, yamenyesheje ko ico cegeranyo ari ca nkenerwa kuko kije kwerekana ivyokorwa bishasha mu mwaka w’ 2015 kugira Uburundi busubire gutera iyindi ntambwe mu manota.

Gerevazi Rufyikiri amenyesha kandi ko kuva mu mwaka w’2010, Uburundi bwagiye buratera intambwe nkuko icegeranyo ca "Doing Business" kivyerekana. Ivyo rero bikaba vyashobotse mu kugabanya amakori, mu gushinga amategeko yorohereza abanyamitahe no mu gushinga ubuzi bitagoranye. Ni naco gituma Uburundi bwavuye mu kibanza c’181 buja mu kigira 183 mu mwaka w’2011, hanyuma buva mu kibanza c’189 buja mu c’140 mu mwaka w’2014.

Umunyamabanga nshingwabikorwa mu gisata ca Doing Business, Adolphe Birehanisenge amenyesha nawe ko ibikorwa vya API vyateye intambwe mu bijanye no gukorana n’abanyamitahe. Mu cegeranyo caheruka, API yahora ikorera ku bisata 9 ariko muri uno mwaka w’i 2014 ikaba yakoreye mu bisata cumi vy’igihugu.

Muvyakozwe, harongerejwe ikindi gisata kiraba ivyerekeye gutorera inyishu vuba na vuba ivyerekeye amatati ashobora kuvuka hagati y’ubudandanji. Ku gisata kimwe kimwe cose API ikoreramwo, hagiye hoharongerwamwo ibintu bishasha, na cane cane mu gushinga ikibanza kimwe rudende gifasha abashaka gushinga amashirahamwe. Ico kibanza mbere kikaba carashizwemwo ibiro vy’ishirahamwe ryo kuziganiriza abakozi INSS. Muri ico kibanza nyene, harongewemwo ibiro bitangwa impusha zo kwubaka. Ivyo bikaba vyatumye ubuzi bwiyongera mu gihugu.

Harashinzwe amategeko mashasha azotuma abanyamitahe bashobora kuza mu Burundi ari benshi na cane cane mw’itegeko mpuzamakungu bise “convetion de New York”. Iryo tegeko rikaba riraba ivyerekeye ugutorera umuti amatati vuba na vuba umuntu atarinze guca muri sentare, ariko biciye mu bantu bamenyereye ukungene amashirahamwe akora.

Adolphe Birehanisenge akavuga ko, igisata gishasha cashinzwe gituma uwushoboye kwunguruza urubanza rwiwe avuye muri sentare y’ubudandaji azoca aronka inyishu vuba na vuba, kiri mu bituma Uburundi buzoterimbere mu cegeranyo ca "Doing business" co mu 2015.

Mwomenya ko ico cegeranyo kigiye kuzoshikirizwa ibanki nkuru y’isi yose kuri uyu wa 31 Rusama 2014 kugira Uburundi busubire gusuzumwa ko bwoba bwateye intambwe mu kuronka amanota ari hejuru yayo bwari yaronse 2013.


BUKURU Mariella

Messages

  • Ndumva kurahira kwa perezida wa wigihugu ca Afrika yepfo kwarikuba kwaranditswe ngaha rugikubita kuko Afrika yepfo nigihugu abarundi dukundacane catugiriye vyishi vyiza nubukikiriko nigihugu kidasanzwe kubarundi.

  • haaa ivy iwacu ni propagandes gusa ko inzara izura inzara henshi!!!!

  • haaa ivy iwacu ni propagandes gusa ko inzara izura inzara henshi!!!!

  • Abarundi niba namwe muraterimbere.. iwacu i Rwanda umwicanyi Kagame igihugu yagifasheho ingwate ubu niwe mucuruzi ukomeye , afite amadege , abahutu arabakona iyo atabishe!! Inzara abaturage yarabamazegusa icyo azi ni ukubeshya abazungu ngo twateye imbere... biriya bizu biri i Kigali byose ni ibya Kagame!! Ubu ni Perezida, ni umucuruzi, ni comptable!! Gusa igisumba byose yabonye ibikombe byinshi Harimo nicyo kwicana yahawe bizindi nkoramaraso zo muri FPR nka Kabarebe, Musoni, Ibingira, Jack Nziza na Murutubarwe Jeanette umugore we!!!

  • Hahahaha asha muratwengejep ngotwarateyimbere?kirakwezi baduza ibiciro?bemureka inkinamico bavugango borohereje abadandaji yamakwishikanira utuntu twiwe bagaca bamufata mukanigo ngudatanze amahera ayantuzokora none wwe wumva vyogendagute?

  • Nibareke guswaganya abantu none bodusigurra gute kwibiciro biguma biduzwa kirakwezi?
    Ikintucishe igihu nikimwe kutagomba kwabanyamitahe bahiganwanabandi nka brarundi iyibonye abandibarwiza tunga baje gukora ibinyobwa bahita batanga igiturri nyamuntu bagaca bamuhanirana ugasanga ntakoze numutahe wwe abayakoresheje
    jewndazi umuntu yagombashinge uruganda ahantu arubaka kandi yagomba kurokoresha abahejje amashure ariko kumunota wanyuma agombaje gutora amama chine yiwe kugivuko batangura kumuhanahana mata baburamatari bamutsanteri gushika nubuntibaramwemerra hanyuma wwe urumva wosubira?
    Nikobamabavuga barabaresha banaragushika bakabafatira kubintuvyabo ngomudakozuku ntagishobok bakacababahomvya nabobakiyungukira

  • Nibareke kuduhenda harinuwundi mugabo yakorana ubutegetsi weyahamagara abanyamitahe mubindi bihugu none bamuhaye amafranga yabo kundwiyaheze baraje babanyamitahe baraje kuraba aho ibintuvyabo bigeze batangure gukora bafise nivyemeza vyose ico leta yakoze ubu nyamugabo arimumpimba nonew wumva babarwizatunga harico bazoronka?nibasubira wumva bazovugiki?amategeko muburundi ariho kimwe abajejwe kuyakwirikiza nokuyagenzura ntacobakora nubusumagusa

  • "hanyuma buva mu kibanza c’140 buja mu c’189 mu 2014" Mwihenze ubu u Burundi bugira 140 ku bihugu 189.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.