Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Domisiyano NDAYIZEYE avuga ko yazize uruhara rwiwe mu kwiyunga kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Domisiyano NDAYIZEYE avuga ko yazize uruhara rwiwe mu kwiyunga kwa (...)

Domisiyano NDAYIZEYE avuga ko yazize uruhara rwiwe mu kwiyunga kwa FRODEBU

mardi 29 Mukakaro 2014

Umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye igihugu c’Uburundi amenyesha ko ingingo yafatiwe yo guhagarikwa mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU yavuye ku ruhara yari afise mu mugambi wo kwiyunga kw’umugambwe FRODEBU bisa n’ivyari bigeze kure nk’uko abishikiriza.

Mu nama y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yo kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014, hafashwe ingingo nomero 09/CP/PSF/2014 yo kuwa 25 Mukakaro 2014, ihagarika mu mugambwe uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukenguzateka Domisiyano NDAYIZEYE, bamwagiriza ko agirisha amanama mu kinyegero, kandi ko yoba afise intumbero yo gusambura umugambwe SAHWANYA FRODEBU.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uwu wa kabiri, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rwiwe mu mugambi wo kwiyunga kw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU urongowe na Leonce NGENDAKUMANA, hamwe na FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE urongowe na Yohani MINANI, umugambi avuga ko wari ugeze kure, ariko ukaba usa n’uwudashimisha abarongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU.

Kuvyo yagirizwa ko akoresha amanama mu kinyegero, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE avuga ko ari abanywanyi b’umugambwe FRODEBU batariko baramenyeshwa aho umugambi ugeze, ari naco gituma abatari bake baca baza kumuraba kugira abasigurire aho bigeze. Nk’uko Domisiyano NDAYIZEYE abisigura, abarongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU baciye bamwagiriza ko akoresha amanama mu kinyegero. Ku bwiwe rero, ntarota yipfuza gusambura umugambwe wa Melchior NDADAYE wazaniye Uburundi intwaro rusangi, nk’uko bariko barabimwagiriza.

Tubibutse ko mu rwandiko rwasohowe n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ruteweko umukono na Leonce NGENDAKUMANA, umukuru w’uwo mugambwe, bamenyesheje ko Domisiyano NDAYIZEYE yagiye arahanurwa kenshi, ariko bakamwagiriza ko yafata minenerwe ivyo yahanurwa, ari naco gituma bavuga ko baciye bisunga ingingo ya 228, mu duce twayo twa 5 n’253, mu gufata ingingo yo guhagarika mu mugambwe umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE, bamwagiriza kutitaba amanama y’umugambwe, kudatanga intererano, kugira amanama mu kinyegero hamwe no gusuzugura inzego z’umugambwe.

Nk’uko tubikura muri urwo rwandiko umugambwe SAHWANYA FRODEBU wasohoye, kuva ku munsi wa gatanu iyo ngingo ifashwe, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE ntarekuriwe kwitaba n’uguhamagaza inama z’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ku rwego rwose rw’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndayizeye ivyagufashe nibiki??we urabona ko boja kwa Nduwimana ubu ???Minani nakureko nyakuri gusa agaruke atabaje gusaba leonce ko baja kwa Nduwimana ??ataruko narindire inyuma yamatora ivyo biruvikana leonce yarabibabariye none wewe wihitishwa niki???ico gituma wizigira ncaneeee nduwimana nigiki harimwo amahinyu???mbe we nyene wiyibagiza 1999 ivyabashikiye aho yambura kimazi Nzojibwami et Bukuru thoma babatwara umugabwe ibiganiro vyiyarusha bigire bisinywe??akakanya wavybagiye??

  • Icishe Uburundi Nukutahanurwa,leonce Ntashaka Kuva Mukibiri Ahaaa,uwomutama Domicien Yarazi Ko Barikumwe Ntibarikumwe Kuko Leonce Mukibiri Arakama Mumugambwe Agakama,ntashaka Ko Biteranya Imigambwe.Ntakundi Niyihangane.

  • nwari wewe warabikwirikiranye!mbe umugambwe ntabiro ugira ko abo bashaka insiguro atababwira ngo bamusange mubiro!canke aho yogize inguvu zokwegera abarongoye umugambwe kugira abumvishe umugambi wokwiyunga!

  • Abanyacubahiro dusigaranye jewengeragejekwibuka muri FRODEBU ni: Ntibantunganya, Domitien, Dr. J Minani, na Leonce atararorwa nivya ADC, abobantu igihenzokwumvira bagiyehamwe bose bagasubira kuduza igifusi hejuru baririmbango: Murundiwese ukundigihugu kazek aze muri Frodebu, umugambwe sahwanya uharanira democratie................ igiherero bazoba batadukoreye ivyo ntibazogire uwobahendango niya frodebu ya Dadaye twarituzi.

  • Mutama Ndayizeye wiwacu mu kayanza wibagiyeko abobagobo bagupfunze gaeuka usabe ikigongwe reka iyonzoragusonza J. MINANI. ntaciza kiva kwa Nduwimana ngogitaha mu kibili.

  • BARUNDI MWESE MUBA MUBURUNDI, EKA NDETSE NABABA MUMAHANGA, MURIBONEYE MURIYUMVIYE KO UMUSHIKIRANGANJI NDUWIMANA BAMA BAMWITWAZA MUKUGIRA IVYO BAHISHIJE NGO NIWE ABASAMBURA!!!!!!!!!! INDAZABO NUGUKUNDA AMARONKO, NAGASHOMERI KIMYAKA ITANU BIKUYE MUMATORA NIVYO BIBACANISHAMWO!!!!!!!!!!! NDUWIMANA HANGAMA KUNGOMA, NA 2015 MANDANT YAWE IZOBANDANYA MURUBWO BUSHIKIRA NGANJI. JEWE NZOSUBIRA MURI FRODEBU ITWARWA NA RORANSE NDADAYE.

  • Ihondi wurukeha bwenge umeze nka sobuje nduwashetani,naheziyo manda yiwe duheze tumutozintoke ico kijuju!

  • Mu Burundi bizotugora guhamvya demokrasi kuko ntivyoroshe gutahura ivyo abarundi biyumvira n ubugome buri murivyo. ukutumvikana imisi yose! muri vyose na hose!n akamaramaza!

  • Domisiyano niyihangane ubu ni tour yiwe,akiri kubutegetsi yavugabandi babogojwe mu mabanga yabo ngo; NAKAJI KABANANIYE ha ha ha arabonyeko nawenyene gashobora kumunanira .naho abandi bazize kuvuga ukuri. iyi si turakwiye kuyitondera bagenzi

  • Ahubw aho guteran inkora ni biyunge bitegurire amagaburanyama!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.