Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Domisiyano NDAYIZEYE yahagaritswe mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Domisiyano NDAYIZEYE yahagaritswe mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU

Domisiyano NDAYIZEYE yahagaritswe mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU

samedi 26 Mukakaro 2014

Inama y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014 yafashe ingingo yo guhagarika mu mugambwe uwahoze ari umukuru w’igihugu, Domisiyano NDAYIZEYE, bamwagiriza ko agirisha amanama mu kinyegero, kandi ko yoba afise intumbero yo gusambura umugambwe.

Mu ngingo nomero 09/CP/PSF/2014 yo kuwa 25 Mukakaro 2014, uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE yahagaritswe mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU, bamwagiriza ko yatanguje ibikorwa vy’uguhungabanya umugambwe, abicishije mu gutumako inama zitazwi, kandi zo mu kinyegero, akagirizwa kandi kutubahiriza inzego zirongoye umugambwe.

Mu rwandiko rwasohowe n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ruteweko umukono na Leonce NGENDAKUMANA, umukuru w’uwo mugambwe, bamenyesha ko Domisiyano NDAYIZEYE yagiye arahanurwa kenshi, ariko bakamwagiriza ko yafata minenerwe ivyo yahanurwa, ari naco gituma bavuga ko baciye bisunga ingingo ya 228, mu duce twayo twa 5 n’253, mu gufata ingingo yo guhagarika mu mugambwe umukenguzateka Domisiyano NDAYIZEYE.

Nk’uko tubikura muri urwo rwandiko, kuva kuri uwu wa gatanu iyo ngingo ifashwe, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE ntarekuriwe kwitaba n’uguhamagaza inama z’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ku rwego rwose rw’igihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nibaza ko leonse yatayutwe ivyo ntakindi bivako nizangorane ziri mukibiri kuko abasahwanya basaba domitie ariwe yokwitoza kwizina ryikibiri muri 2015 abo muyindi migambwe bakarahira bakarengwa bashigikiwe. Na leonse nabamvunginyumvira

  • Abahutu ,abahutu ka Mana twapfuye uruki?nukuryana,kwicana,gutotezanya,kwangazanya,....bivuye kunda ndende.mwibuke amabi abahutu babonye uko bagiye bicwa ubu hakwiruhutsa basubiye mubisa nivyo bagiriwe.Nukuri ndabasavye nk,umunyagihugu mutoyi ivyo mupfa mubirengere mureke kudadaza turabe ko twokwogorora.atarukwo twotuma tuja mu migambwe y,Abatutsi kuko s,urukundo mwadukunda kwarukugira mwiyuzurize imifuko yanyu gusa. Ariko ntaco Imana iriho muzovyishura kandi aha nyene

  • Leonce ndakwemye ubona kure’jewe nuvirije kabizi avuga ati_(minst Nduwimana sigikoko numuntu kandi ufise ingorane urashobora kuja kumuhanuza _)naciye nuva ko ms domitie yahindutse kuko numuntu wambere atizera umuntu numwe mubisazwe none ubu n’iwe avuga ko ingorane za frodebu bozijana kwa Nduwimana yaaaaaa karale???leone komera ubona kure

  • ms Gerard urantwegeje pee saze uri umuhutu yarakiboshe mumutwe ivyo wibaza nivyumuhutu akenye wangu aje kwica umututsi kugira umuhutu atware sha mwenewacu aragiriye weenkd kabisa bonye eee agashavu uvuganye haaa heeehiiiiyaaaaa

  • MURAHAYE MURONKA IVYEMEZO KO CNDD-FDD CANKE UMUSHIKIRANGANJI NDUWIMANA ATARIBO BATUMA IMIGAMBWE ICANAMWO!!!!!!!!!!!! NGIRA BAMUHOYE KURIYAMAKURU YATUBWIRA KURI KABIZI HIHIHIHIHIHI ABASENZI KOMEZA GUSENGA, MUSENGA MUKORA, MUKORA MUSENGA. BASENZI NONGEYE KUBASABA NGO MUSENGERE URUKINO RWEJO KUMUGUMYA, RUZOHUZA EKIPE YO MURI ESPANYE IGIZWE NABABAKINYI: UMUNYEGORI NDITIJE, UMUSATIRIZI TASIYANO, UWUJEJWE GUTANGA IMIPIRA IVAMWO IBITEGO NGAYIMPENDA, UMUDEFANSERI GASUTWA,UMUHINGA MUGUCENGACENGA MANWANGARI, UMUHINGA MUVYO GUTERA AMAKORONE POPO MUDUGU, UMUMENYEREZA WIYO EKIPE MAJORO BUSOKOZA ICEGERA CIWE KORONELI BIKOMAGU. EKIPE YOMUBUHOLANDE NTITWASHOBOYE KUMENYA INGENE ABAKINYI BAPANZE, ICOTUZI NUKO UMUMENYEREZA WIYO EKIPE ARI UMUHINGA KUKO AMA EKIPE MENSHI YAMENYEREJE YASHOBOYE GUTWARA IBIKOMBE, UWONAWE NI KONSIRIYA NIBIGIRA. ABAROREREZI MUSIDUKANE NIYONKA KUKO IKIBUGA CO KUMUGUMYA CAKIRA ABAROREREZI 2000. MURAKOZE

  • Tururwane ikigutwengeje n,iki ga ncuti?wew ufise ibikomere vyawe nanje nkagira vyanje bivanye nivyo twabonye ariko nimba atacigeze kikubabaza ntiwontwenga.uzi isinzi ry,abahutu bapfuye bazira akarenganyo none ubuho wompinyuza nimba atarukwirengagiza bivanye data nuko udashonje.erega ivyo nivyo vyatumye tutogorora mwaribagiye icatumye tumara imyaka n,imyaka mundwano.burya mwashaka imikate gusa.....?

  • Rekandabereke amakosha atatu mbonye muba FRODEBU nomubatanze ivyiyumviro: Ikosha ryambere; Abobose bafashe umwanzuro woguhangarika uwomunyacubahiro prezida Domitien Ndayizeye, mutigute? Aboba FRODEBU fashe icemezo coguhagarika Ndayizeye nibakecane gusumvya aba FRODEBU baciye bababanwa nicocemezo cokumuhagarika, hariho icongombakubwira aba FRODEBU; Mbemwarimuziko uwo Domitien yubahwa naba FRONDEBU beshi? mbemwarimuziko burya na prezida nkurunziza yubaha Domitien? mbemwarimuziko nabanywanyi beshibomuyindi migambwe yose iringaha muburundi bubaha uwo Domitien? mbemuraziko yubahwa nabarundi nkabose ?mbemuraziko naba CNDD FDD bamwumaha? Mbemuraziko namakungu amwubaha? nagombakubabwirako mwahubutse nongerandababwirako mukuyeho nakariho kuriwe ntakibazo, ariko kumugambwe FRODEBU nikibazo gikomeye cane rindira mumisi itarambiranye mubona kwarumuntuyubashwe mumugambwe, mubarundi bose, no mumakungu. Ikosharyakabiri niryuwatanze komanteri avugako abahutu ahobarihose arukuryana, yihenzehogato cankekanini, ukoyarikuvuga yarikuvugako abarundi ahoturimengo ibintu vyokuryana twabigize umugenzo, kuko FRODEBU ntibisigura abahutu numugambwe wamokoyose yabarundi, nivyane ziri mumugambwe UPRONA sizabahutu sizabatutsi sizabawa, nizamokoyose agize abarundi kuko UPRONA siyubwobumwe niyamokoyose agize abarundi niyindimigambwe nukwonyene. Akagatatu nugushimira uwiyise Sihondi Levis kuciyumvirociwe ningeyatugereranirije ivya UPRONA ukobizogenda ejo le27/07/2014 ngo kuristade yo Kumugumya. Ndarangije ndababwirako mukibiri kubijanye nuwuzokwitoza kuruhande rwumukuru wigihugu abashiramukuri babonako uwokwitoza ari Domitie Ndayizeye bisunze bimwenababwirako yubahwa nabarundi bataribake, ariko Leonce na Bamvuginyumvira bakacabavugango iyobagiye mwibarabara ngontawobabona ngonibobirirwa barahangana na polisi ngo Domitien yiraramiye ngoniyavuze ngwakoresha umvugombabarira mwatwi, bikavungwakorero uwukwiye kuzokwitoza kohubwoyoba umukuru wurunani ADC ikibiri ngokuko nubundi yamazegushimwa nurworunani mbere murakoze uwubuze gutsimbataza umugambwewiwe ngwariko aratsimbataza ADC ntiturikumwe kuko utsimbataje umugambwewawe abandibomuyindimigambwe bashobora kuzoguterera amajwi.

  • Inkuru nshasha mpejeje kubaronkera mbwiwe nuwarihibereye, Imigambwe yose ihurikiye mui ADC Ikibiri yasabwe kurungika uwuzokwitoza mukibaza cumururu wigihugu mumatora yimirije yomuri 2015 ubworero burimugabwe urasabwa umukandida umwumwe maze abahurikiye muri ADC bazohitemwo umwe azobaserukira mumatora yomuri 2015 Frodebu rero bisanivyabataye kuwamazi kubera Inziraguhemuka nyishi zishakira DOMITIEN Ndayizeye, izindi nziraguhemuka rumbarwa zigahitamwo Leonce Ngendakumana, abandi bagahitamwo Frederic Bamvuginyumvira ariko murabo tubatondestse neza Domitien arikumajwi meshicane dufatiye kuziraguhemuka zi Burundizose nacanecane nokuribarya bariko bara tora uwuzobaserukira mumatora yomuri ADC arinayo azotoramwo umwe azokwitoza muri 2015 hagakurikirwa na Bamvuginyumvira, hanyuma Leonce nutujwidukeya cane mucamubonareroko kuvugameshi sikwokwemegwa nabenegihugu kuko Leonce iyaba Inziraguhemuka nzotora uwuvugamenshi kurushabandi Leonce yarigufata umwanya wambere. rekarero dutegereze niyindimigambwe akazoyivamwo, ahabiracoroshe nihagera gutora mwumwe murabobazobabavuye mumigambwe ya ADC bizogorana kuruta kuko abobagabobose bashaka gutwara.

  • @mwana wamama Gerard ubuho uranyishee pee .sinagutweze bivuye kumutima ivyo uvuga vyose nivyo ariko nimba ukifise icizere ko umuhutu azokwibuka amagogwa yabenewabo ahibambewe ncuti ronderera ahandi .ubunaho uvuze ngobarya imikate ???iyobabarya imikate vyari sawa ububageze kurya unka yose kumusi urumwe ’no Gerard iribaza kumukura ku nka ngwasubire kurya inko’ncanke igiharage kumusi ko vyoroshe??tutakujeyo amahiri ntibishoboka Gerard reka nywe ka amstel kuko unomusi uranyishe utegerezwa kuba urimuri bamwe basenga .Gerard ingo Turungwane ncuti

  • J’ai l’impression que les Burundais babaye abanyenzara birengeje. Erega inda itoboye epho na ruguru reka kugoka. Shira umutima munda mwiyumvire igihigu nkabatazopha ejo. Kunda abana banyu mubategurire kazoza.

  • Ingingo yogukura mumugambwe nyakwubahwa Domotien,yabaye intsinzi igira 2 kumugambwe uri kubutegetsi,SAHWANYA FRODEBU iriyatse intsinzi.ikindi:akajagari abegamiye NDITIJE bariko baragira mumugambwe wa GWAGASORE.bizotuma mumatora ya 2015 ataninkono y’itabi bavamwo.nivyo baronse mumatora2010 ,muri2015 ho ntanibice 3 vyamajwi bazobona ndabarahiye,hama ico mukwiye kumenya ejo kumugumya hazoba umupira wamajambo akomeye caaane!.bazokugwamwo nama penaliti y’ivuka bisosera amaso. abarundi mwikunda muzowukurikiranire kuma RADIO canke TV,nayahandiho uwuzohegera inkungugu ntazoyikira.kuko hazoba hari umuyaga mwinshi caaane. ako nakagohe ndabavuniye barundi.

  • Uburundi N’Igihugu Ciza Ariko Abaco muri Bo Nibo Babi Kutanka Umugayo Niko Gutumye Abizerwa Baba Ibisambo Mu Maso Yabana Mana Fasha Abarundi Na Barundikazi Ubahe Kwihangana Kuko Niwe Gusa Bahanze Amaso Kandi Nta Nvura Idahita

  • Namwe twari twizeye muraduhemukiye, ndavuye inyuma politique y’abarundi. Kuki muzehe Domitien twese twubaha yoba nka Ntibantunganya, mbe mwese bimwe abatwaye 40ans babaroga ntimurabironkera umuvuzi, reka rero dutwarwe nkibijuju ntabayobozi muzovamwo, hatanguye jean Minani, Mutabazi, Sylvestre nawe ga muzehe kweli? Nicahe giti nkawe ukipfuza mu gihugu utoheba hama ngo twogorore? Mandéla ntanakimwe mwamwigiyeko? Ndacitse intege nkizo nacitse umunsi ntibantunganya aba mpemuke ndamuke nukuntu ari we yakundwa après Ndadaye Melchior. Finalement ntanumwe yasizwe na Muzehe ndadaye melchior yoshobora kudukura mukaga turimwo ngo adushire mbuburundi butotahaye, bushasha yari yaripfuje depuis. Iyingu mwegere mutama Rwasa hama Mudukure kwuyu musaraba utukura, maze tuze tubavuge ko igihugu cashikiye abagisezeraniwe. Ndabasavye ko mwosabikanya mutikunze.

  • reka gushira ubwoko imbere!!! umuntu ashira ubwoko imbere ni IKIJUJU PE .....KORA,UBWOKOBUBU NI abasuma,abambuzi,abasambayi bamaze abana.....ABICANYI..............TUBARYANYE......BAVE KUBUTEGETSI.

  • nderagukura isaa ntabwo ari munyantwari sixte ici yunviro canje mwa ki gujije nawe ni mubikosore merci!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.