Accueil > Poritike > Imigambwe > Domisiyano NDAYIZEYE yizeye ko umugambwe wamufatiye ibihano (...)
Domisiyano NDAYIZEYE yizeye ko umugambwe wamufatiye ibihano uzokwisubirako
jeudi 11 Nyakanga 2014
Umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE aheruka gufatirwa ibihano n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akomokamwo, amenyesha yo atarota ashinga uwundi mugambwe, ahubwo akizera ko umugambwe wamufatiye ibihano uzobona ko ivyo bamwagiriza atarivyo, igihano yafatiwe co kwirukanwa burundu mu mugambwe kimukurweko.
Inyuma y’aho mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamuhagarikiye ivy’imfatakibanza mu mugambwe, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yahavuye yirukanya burundu muri uwo mugambwe.
Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye akaba yafatiwe iyo ngingo n’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce Ngendakuma, amwagiriza ko ariko aryanisha abanyamugambwe, no gushinga inzego zibangabanganye. Domisiyano Ndayizeye akaba yagirizwa kandi ko amaze iminsi agirisha amanama mu kinyegero, ndetse mu mugambwe bakaba baranamuhamagaye kugira yisigure ariko ararahira.
- Umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE, yahoze arongoye Uburundi
Mu gihe hari amakuru avuga ko Domisiyano Ndayizeye yoba azize ko ariko arahuza abagize umugambwe FRODEBU na FRODEBU Nyakuri urongowe na muganga Minani Yohani, Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe FRODEBU yamenyesheje ko ivyo bifise iyindi nzira vyariko birigirwamwo, ahubwo akavuga nyabuna umukenguzamateka Ndayizeye yari yamaze n’ugushinga inzego mu ntara za Gitega, Kayanza n’igisagara ca Bujumbura.
Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko ivyo yagirizwa atarivyo, ahubwo akanegura abadashaka ko umugambwe SAHWANYA FRODEBU ubandanya ibiganiro vy’ukwiyunga na FRODEBU Nyakuri. Ndayizeye amenyesha ko ritabaye irya mbere afatirwa ibihano ahorwa ubusa, kuko no mu mwaka w’1999 vyigeze kumushikira, akizera ko iyo ngingo izosubirwamwo, agasubizwa mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU. Nk’uko abishikiriza, ntarota ashinga uwundi mugambwe, ariko akemeza ko azobandanya akora poritike ari ku ruhande, kuko ku bwiwe poritike idakorwa n’uwuri mu mugambwe gusa.
Egide Nduwimana
Messages
11 Nyakanga 2014, 10:16, par SIHONDI Levis
KOMERA PRESIDENT NDAYIZEYE, UREREKANYE KO URI UMUSHINGANTAHE UTAROTA HABA LETA NFATA KIBANZA. INGENE IMIGAMBWE IZORUSHANWA MUMATORA: CNDD-FDD 60% , FRODEBU NYAKURI 12% , FNL 12% , UPRONA 8% , ADC-IKIBIRI 6% , URUNANI RWA MUTABAZI 2%.
11 Nyakanga 2014, 10:22, par bumwe
Nawe ka mutama?Basha nibareke dupfe kuko ntakidutabariza.
11 Nyakanga 2014, 11:50, par mukobwajana
FNL YA RWASA CANKE BRICOLAGE YA JACQUES ?ARIKO DD ICO YOBA YAKOZE NGO IRONKE IYO SCORE ATARI UBUSUMA YATANGUYE DEJA NI IGIKI????ABAHUTU BOBA BATATEGEREYE AMABI YA BO BA DD MURIHENDA MA....
11 Nyakanga 2014, 12:22, par MVUZO
Sihuri kweri so yarikwise yari yarabonye kuzoba ikigwarudubi ubona CNDD ishobora gusumvya. FNL? Izonindoto amayo mwivye narya ubu tuzobiraba
11 Nyakanga 2014, 14:40, par Kuri
EWE SIHO URI!! NGO BARADUZA NAYO IKAMANURA BAMANUYE NAYO IKADUZA
11 Nyakanga 2014, 16:03, par jean
Uri henze rwose kandin ntuzovayo kuko hakira umuntu CNND-FDD twarayihinyuye ubu izoronko 12% nayonyene nayo izoba yivye
11 Nyakanga 2014, 17:35, par Mama
Sihondi nubundi yariyashatsekkugirantabace imitina kuko CNDD FDD IZORENZA KURENIYO 60% Hanyuma uwo perezida Ndayizeye bamuhagarika batamuhagarika ni umwe muba kenguzamateka bababundi kwarabagabo nibamuhagarike mubukenguzamateka?
12 Nyakanga 2014, 00:17, par Sinduhij
Sihondi sinovuga ng urumuntu ahubw wiyumvira nkingurube .
12 Nyakanga 2014, 11:11, par john
Umushingantahe Ndayizeye numugabo nakomere kwibanga ivyo Leonci nawe avuga amenye yuko abarundi bazi gutandukanya ukuri nikinyoma.
12 Nyakanga 2014, 14:27, par ndiho
nibaza neza leonse yatayutwe buca kabiri agasara mwibarabara nayabandika ngo cndd fdd ntizotsinda barota kumurango atarumuntu ari kwarojanti ntawovuga iryo jambo kiretse atarumurundi gusa
15 Nyakanga 2014, 14:58, par umva
ABATAMA BACU BAGIYE KUTURAGA IRIGI RIGOYE.MBE UMUNTU ASHAKA KO ABANTU BOJA HAMWE NI MUBI CANKE ICO BARI KIVUZA INDURU GUSUMBA ICO BAVUGA KO BARI.HA TURINDIRE 2015 IRAGEZE .