Accueil > Ubutunzi > Domitien Ndihokubwayo asaba abakozi ba OBR kugira indahiro kurya (...)
Domitien Ndihokubwayo asaba abakozi ba OBR kugira indahiro kurya igiturire
dimanche 14 Kigarama 2014
Domitien Ndihokubwayo, umukuru w’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR asaba abakozi b’ico kigo kugira umuziro ingeso yo kurya igiturire.
Ivyo yabishikirije kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 13 Kigarama, mu gihe hari hatunganijwe inama ihuza abakozi bose b’ico kigo, yaba ab’ibujumbura no hagati mu gihugu.
- Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR
Muri iyo nama, umukuru w’ikigo OBR yasavye abakozi kwibuka inyifato n’ingendo umukozi w’ikigo OBR ategerezwa kugira imbere y’abamwitura. Domitien Ndihokubwayo yabasavye gukorera bose ata nkunzi, atawo bacaguye canke bashize imbere mu kurangura amabanga yabo, kugira imirimo ya OBR ishobore gushimisha bose.
Domitien Ndihokubwayo avuga kandi ko hambavu yo kubibutsa inyifato n’ingendo umukozi w’ikigo OBR ategerezwa kugira, kari akaryo kandi ko kwumviriza ingorane abo bakozi bafise kugira ibibazo vyabo bashobore kubitorera inyishu, kugira bakore bagororokewe. Aho abakozi ba OBR bakaba bashimikiye nko ku cerekeye ibikoresho bidakwiye nk’amamashini, aho bakorera usanga ari hato na cane cane mu ntara za ruguru, ubusumbasumbane bw’imishahara, n’ibindi vyotuma bakora borohewe mu kazi kabo ka minsi yose.
Ku cerekeye igiturire, Domitien Ndihokubwayo yabasavye ko hatosubira kuvugwa igiturire muri ico kigo. Ivyo akavuga ko abishikirije mu gihe amazi iminsi yumva abidoga ko badatunganirizwa neza, na cane cane ku mipaka aho havugwa abarya ibiturire. Asaba abakozi b’ikigo OBR kugira indahiro kurya ibiturire. Domitien Ndihokubwayo akavuga ko amategeko ahari abaha ububasha bwo guhana abarya ibiturire, muri uno mwaka hakaba hirukanywe abakozi bagera kuri cumi bagirijwe ko bariye igiturire canke baragize uruhara muri ico giturire.
Domitien Ndihokubwayo akemeza ko hamwe borwanya igiturire bivuye inyuma n’imiburiburi imiriyaridi cumi zokwinjira mu kigega ca Reta.
Tubamenyeshe ko muri iyo nama kabaye n’akaryo ko kubipfuriza Noweri nziza n’ umwaka umwiza w’2015.
Floxella Karire
Messages
14 Kigarama 2014, 16:48, par Barumwete
Ibiturire kubituza mu Burundi,icokworoha n’ukwihanisha imbeba zigaheba kwiba
15 Kigarama 2014, 07:22, par Twaje
Komera mutama turagushigikiye iyonubundi ibiturerire abakozi mukorana batabigabanura amahera mwinjiza ntabayisjira twizereko nakokamo gafise icokazomara mukomeze kuko bukebuke nirworugendo tubarinyuma mwirambire.