Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Drogba yasubiriye gukina muri Chelsea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Drogba yasubiriye gukina muri Chelsea

Drogba yasubiriye gukina muri Chelsea

samedi 26 Mukakaro 2014

Didier Drogba, umukinyi mpuzamakungu wo muri Cote d’ivoire yasubiriye mu murwi wa Chelsea yamaze imyaka 8 akinamwo. Drogba asanzeyo uwahoze ari umumenyereza wiwe Jose Mournho, ariko bagiye kumarana umwaka umwe gusa.

Kuri uwo wa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro, Didier Drogba yarashize umukono ku masezerano yo gukina mu murwi wa Chelsea mu kiringo c’umwaka umwe. Drogba amenyesha ko atari guhakana umuhamagaro wo gusubira muri Chelsea. Drogba ati :" Ni ingingo yoroshe cane, itangoye gufata. Nta kuntu na kumwe nari kwanka gusubira gukorana na Mourinho".

Drogba asa n’uwusubiye iwabo, kuko umurwi wa Chelsea yawumazemwo imyaka 8 kuva mu mwaka w’2004 gushika 2012. Umurwi wa Chelsea wamubereye umurwi mwiza kuko yawuronsemwo amateka atari make.

Uwo mukinyi avuga ko umunoho wo gutsinda akiwufise, yongere afashe cane uwo murwi, ati : " Ndaryohewe cane n’iyi ntambwe yindi yo mu buzima
".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.