Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Dudu Niyukuri yoba agiye gukorera umurimo w’Imana mu Rwanda. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Dudu Niyukuri yoba agiye gukorera umurimo w’Imana mu Rwanda.

Dudu Niyukuri yoba agiye gukorera umurimo w’Imana mu Rwanda.

mardi 2 Mukakaro 2013

Umuririmvyi Niyukuri Dudu wo mu gihugu c’u Burundi, yanamenyekanye cane mu ndirimbo zo guhayagiza Imana, amakuru dukesha Rwanda Gosper .com avugako afise umugambi wo gukorera umurimo w’Imana mu Rwanda, aho yabivuze mu
mpera z’iyi ndwi, aho yari yitavye igiteramo co kwerekana urukurikirane rw’umuririmvyi mugenzi wiwe Alex Dusabe.

Dudu Niyukuri yabonetse mu giteramo categuwe n’umuririmvyi Alexis Dusabe, cabereye mu Serena Hotel, aho ndetse yafashije imitima ya benshi mu ndirimbo zo gutazira Imana cane aho wabona ko hari abariko baririmba gose ku mvo z’uko bakunze indirimbo ziwe kandi banazizi.

Ibi vyatumye uyo muririmvyi abazwa na bimwe mubimenyeshamakuru vbikorera mu gihugu c’Urwanda kubijanye na gahunda afise mu bijanye n’umwuga wiwe wo kuririmbira mu Rwanda, maze abishura avuga ko ariiko arasenga kugira ngo aze gukorera umurimo w’Imana mu Rwanda, kandi ko yiteguriye gufasha imitima ya benshi afatanije n’abandi baririmvyi bagaragara canke bumvikana mu ndirimbo zo gutazira Imana mu Rwanda.

Tubabwire ko umuririmvyi Dudu Niyukuri aherutse gushira hanze indirimbo "Sinzotinya" yakoranye na Masezerano, Dudu ni umugabo afise umukenyezi n’umwana umwe, akaba asanzwe aririmbira mw’ishengero Bon Berger ryo mu gisagara ca Bujumbura.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.