Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Dyles kanyarugano umwe mu rwaruka yiyumviriye umugambi umuteza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Dyles kanyarugano umwe mu rwaruka yiyumviriye umugambi umuteza (...)

Dyles kanyarugano umwe mu rwaruka yiyumviriye umugambi umuteza imbere

mercredi 26 Munyonyo 2014

Dylès Kanyarugano umwe mu rwaruka amaze guca akenge akiyumvira gukora imigambi yomuteza imbere, ahamagarira urundi rwaruka kutihebura n’ubwo akazi kagoye kuko barafise ubumenyi n’ubuhinga bwobafasha gutegura imigambi yabo. Igikenewe gusa n’uko boja hamwe bagashira ivyiyumviro vyabo hamwe.

Mu Burundi urwaruka rumwe rumwe rwaraciye ubwenge mu gutangura kwitaba akamo kabahamagarira gutunganya imigambi yabo muri kino gihe akazi gasa n’akagoye aho ahanini usanga hakora ka nkunzi, na ka mwana wa mama mu kugatanga. Dylès n’umusore akiri muto aba mu gisagara ca Bujumbura, akaba yarangije amashure yiwe ya kaminuza mu mwaka w’2009, mu gisata co gutunganya ubutunzi( Faculté de Gestion et Administration département Marketing et management) kuri kaminuza yitiriwe Umuco. Uwo musore amaze kurangiza amashure yiwe ya kaminuza, agaheza akanasoma n’igitabo ‘’Mémoire’’ mu mwaka w’2011, akabona ko ivyo kuronka akazi bimugoye, yaciye yiyumvira be na mushiki we umugambi bokora. Niko gutora umugambi wo gukora ibitumbura bongera babishora mu ma butike atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Aho avuga ko yabifashijwemwo ahanini n’inyigisho yakuye mu mugambi wa kaminuza Lumière’ ‘’ CUFORE ’’.

Dylès Kanyarugano ntiyahereje aho kwiyumvira umugambi, nk’uko avyiganira ikinyamakuru IGIHE, mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, yaciye arondera udufaranga akaba yatanguriye ku mutahe w’ibihumbi mirongo itanu( 50000f) ahanini akayakesha incuti n’abagenzi. Mu nyuma yaruguruje ikonti muri Coopec, mbere akaba yarasavye n’ingurane igera ku bihumbi amajana indwi, akaba ariko arondera uko yorondera iyindi.

Uwo musore akatwiganira ko be na mushiki we bazinduka nk’igihe c’isaha munani n’inusu z’ijoro bacumba bongera bakata ivyo bitumbura banabiteka, kugira igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo abe yihereje ibarabara aja gutanga ivyo bitumbura. Uwo musore akavuga ko n’ubwo ataho arashika hakomeye , urudandazwa rwiwe ruramufasha mu kubaho kwiwe kwa minsi yose, ubu agashobora gufasha nko gutanga akarasiyo k’umuryango na rirya umwe mu bavyeyi biwe yari mu bushomeri, mbere aranafasha barumunawe bakiri mu mashure. Ubu rero akavuga ko ashitse ku biro 50 ku munsi mu gihe agitangura yahereye ku biro bibiri gusa. Mbere ubu akaba yarashoboye gutera imbere akaba ageze ku bakozi babiri, akaba yaraguze n’ikinga.

Tumubajije ko ata soni bimutera nk’inyindi misore yo mu gisagara usanga itinya kugendana akamwanyi, nk’uko abikora uwo musore avuga ko ata soni nimwe bimutera kanatsinda mu ndero yahawe, abavyeyi biwe baramubujije kugaya umwuga. Uwo musore avuga ko bimunezera cane kubona ashobora gutanga ikidandazwa c’akanovera, abamushorera bagashima. Mu minsi iza agashaka kugura bwa bukinga basunika Chariot kugira ashobore kuza arazana vyinshi icarimwe.

Mu ndoto ziwe Dylès Kanyarugano avuga ko yifuza kugera ahantu nawe ashika mu gufasha Reta kugabanya ubushomeri buhari mu gihugu, abicishije mu gutanga akazi. Uburyo ni bwa mukundira akaba yifuza nko gushinga ishirahamwe mu gisata c’ivyo gufungura (Agro business), arifuza kandi gushinga buranjeri. Ahanini mu ntambamyi afise akaba ari yo uburyo, kugira ashobore guha umuguzi ikintu gifise agaciro.

Uwo musore ahamagarira urwaruka rugenzi rwiwe kutihebura kuko rufise ubumenyi n’ubuhinga, maze bahaguruke barondera utwo babeshaho. Abavyeyi nabo usanga batunze ivyo bishomeri ngo ni bagerageze kurushira hamwe mu ntererano. Reta nayo yobafasha kubasabira ingurane mu ma banki.


Floxella Karire

Messages

  • Ndabivugiye ngaha uyumusore afisekazoza nziza atanguyeneza kuko atagutiye hasi kabisa, abandibashima gutangurirahejuru ivyovyogutangurirahejuru burya nivyobituma igihugucacu kigumagisubirinyuma nakare nomwishure abigisha bigishabana ntibatangurira kukubigisha indome Z oya batangirirakuri A nibazako umwigisha yohera kuri Z vyokwerekana kwakokazi atagashoboye mazebakamwirukana kwirukananaho umukoziyarafisakazi birimubisubiza inyuma igihugu.Iyabaribishoboka uwoniwe yarikwiye kujamugihugu kwigisha abandi kukowewe yocababwira atibindikonadabwira nanjenivyonko atimurabona kondumusore abushitse atikandi narize. Nahumuntu kwigizhabandi ngobironderere akazi kanawe atavyoyashoboye kukironderera ababibwiye basigara baravigango biryavuga nguwomubwira kubikora yobishobora? Ngowewe koyatanguriyehejuru!? Nibindi nibindi

  • Bamwe bamaze amezi abiri banka kwiga nibabe baraguma muhira nayo abanyamwete nkuwo musore bashishikare biteze imbere. Kibondo shishikara ukure amaboko mu mpuzu ntamwuga udakiza (kiretse uwo kuroga) Uhoaraho arabona umwete ufise azoguhezagira agushitse ku vyo wifuza vyose.

  • Iryo n’iteka ridasanzwe yiteye kandi ateye umuryango wiwe mbere no muri kazoza azabandanye yongereza imigisha... Imana ibandanye imuja imbere, maze nabarumunawe baze baronkereho akarorero keza n’inyungu z’igikorwa ciwe!!!!!

  • uyo musore ndamwifurije umwete mwinshi,yongereze kuwo yarasanzwe afise.Umukama amuje imbere kuko afise imigambi myiza cane,natwe abagenzi turagushigikiye mbere tukanagushimira ku karorero keza utwereka..Go ahead grand frère...

  • Il est vraiment un bon exemple. Umuntu ashaka kumufasha yomutora gute??Merci

  • courage mon ami tukuri inyuma kand n’abandi nibagukureko akarorero. kandi IMANA ikumpera umugisha utere imbere.

  • courage mon ami tukuri inyuma kand n’abandi nibagukureko akarorero. kandi IMANA ikumpera umugisha utere imbere.

  • Komera Wangu Naje Niko Kazi Nkora Maze Amezi 4 Maze Gukuramwo Amakinga 2 Ndubaka Inzu Ndafise Numukozi Naraguze Ningurube Za 200.000f None Nubundacabandanya Nkorera Imbere Yibitaro Vyakiremba Cabururi Ama Vuko Yanje Ni Mutaho Muri Gitega Non Nimukomere. Tel 79642421

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.