Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC: Abakuru b’ibihugu biyemeje gukorera hamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC: Abakuru b’ibihugu biyemeje gukorera hamwe

EAC: Abakuru b’ibihugu biyemeje gukorera hamwe

lundi 2 Kigarama 2013

Mu nama umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkururunziza yahoramwo mu gihugu c’Ubuganda, yamenyesheje aganutse i Bujumbura ko abakuru b’ibihugu bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, bumvikanye gukora n’ugukurikiranira hamwe ibikorwa n’amadosiye rusangi yo mu muryango bahurikiyemwo.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje ko ivyagiye biravugwa ko ishirahamwe ryagira risambuke ku bw’amanama atatu yabereye mu bihugu bitatu nyene arivyo Urwanda, Uganda na Kenya ko hageze ko ivyo babirengera, bagakorera hamwe mu guteza imbere umuryango bahurikiyemwo w’Afrika y’Ubuseruko.

Petero Nkurunziza akaba yabandanije avuga ko bategerezwa gukorera hamwe mu ntumbero yo guteza imbere iryo shirahamwe bahurikiyemwo, ndetse akabandanya amenyesha ko n’umukuru w’igihugu ca Kenya ari nawe asigaye arongoye inama y’abakuru b’ibihugu bahurikiye muri uyo muryango gushika muri uyu mwaka uza w’2014, ahumuriza abibaza ko hari ugucanamwo n’ugusambuka hagati y’abavukanyi bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, ko ivyo bitariko biraba ubu, kandi bitazonaba.

Ariko rero hakaba hasigaye kumenya, namba ivyashitsweko muri izo nama zitatu zagiye ziraba ari ukwo habanje gukumirwa Uburundi na Tanzaniya bizoshirwa mu ngiro, ndetse abatabiteyeko umukono, batanabikurikiranye bagashobora kuvyemeza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.