Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC igiye gutangura gukoresha urupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa (...)
EAC igiye gutangura gukoresha urupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa none
samedi 9 Nzero 2016
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’Ubuseruko EAC rimenyesha ko rigiye gutangura gutanga impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none kandi zihuriweko n’ibihugu vyose.
Mw’itangazo ryasohowe n’Umunyamabanga wa EAC, Richard Sezibera, rimenyesha ko mu ntango z’uwu mwaka w’2016 izo mpapuro z’inzira E-passport zizotangura gukoreshwa n’abanyagihugu b’Urwanda,Ubuganda,Kenya,Tanzaniya n’Uburundi.
Izo mpapuro z’inzira zari gutangwa mu pmera z’umwaka uheze wa 2016,ariko vyigizwa inyuma kugira haboneke umwanya ukwiye wo kwiga neza ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.
Dr Richard Sezibera,umunyamabanga wa EAC yavuze ko izo mpapuro z’inzira ari imwe mu ntambwe ikomeye ibihugu bigize EAC biteye mu mugambi wo gukorera hamwe.
Yavuze ko ari ivyo kwishimira kuba Afrika y’Ubuseruko ibandanya kuba imbere mu kuja hamwe hamwe no mw’iterambere. Yavuze kandi ko bashaka gukoresha ubuhinga bwa none mu gufata ibikumu vy’abinjira n’abasohoka ku mbibe z’ibihugu vyose.
IGIHE
Messages
9 Nzero 2016, 12:38, par SIMBARUHIJE JEROME
MBEGA KO TWARIDUSANGANYWE IMPAPURO DUHABWA NIBIHUGU VYACU IZOMPAPURO ZIZOBANDANYA ZIKORESHWA KUGEZA IKIRINGO CAZO GIHEZE BABONE GUTUNGANYA IZO NSHASHA?
9 Nzero 2016, 12:40, par HAGENIMANA FRANCOIS
ibi bintu ni byiza biragira ibyo bigabanya bitari byiza abantu batari inyangamugayo bakoraga bakagenda ku ndangamuntu nkaba hunze gukurikiranwa .byihutishwe
9 Nzero 2016, 13:37, par kk
Uburundi babuvane muri EAC.
9 Nzero 2016, 15:19, par Aaron NIYIBIZI
Izo Passport Zizobazizimvye Canke?
10 Nzero 2016, 00:04, par didy
Vyiza cane abakora amakosa boba bake
10 Nzero 2016, 18:37, par Eunique
None Izompapuro Zinzira Zizotangirwa Mugihugu Ikihe?
10 Nzero 2016, 18:38, par Eunique
None Izompapuro Zinzira Zizotangirwa Mugihugu Ikihe?
12 Nzero 2016, 07:20, par Ndayishimiye Jado
None zizoboneka nomuntara zose zibihugu?
12 Nzero 2016, 21:14, par martin
Nibyiza kubanibyo bigirabishike kuko tubatwaranizwe kuvakera