Accueil > Diaspora > EAC : Ikiyaga ca Victoria kigiye kwitwararikwa kuruta
EAC : Ikiyaga ca Victoria kigiye kwitwararikwa kuruta
mardi 4 Ruheshi 2013
Mu nama yahuje abashikiranganji n’abashingamateka mu gihugu c’Ubuganda Kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2013, niho hatorwa itegeko rigena amafaranga ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika EAC rizokoresha muri uyu mwaka w’2013-2014.
Amafaranga yatowe kuzokoreshwa muri uyu mwaka angana imiriyoni 130.500.000, ayo nayo akazokora mu bisata bitandukanye, harimwo cane cane igisata co gukingira ibidukikije, igice kinini gukingira ikiyaga ca Victoria.
Amafaranga yahora akoreshwa mw’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu Buseruko bw’Africa EAC, yaragabanutse ko amafaranga angana ibihumbi 10 vy’amadolare y’Amerika kuyakoreshejwe ugereranije n’umwaka uheze.
Umushikiranganji w’ Ubuganda ajejwe ukwinjira kw’ico gihugu mw’ishirahamwe ry’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, ndetse akaba ari nawe arongoye inama y’abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo mu muryango wa EAC, niwe yashikirije integuro y’amafaranga azokoreshwa n’umuryango mu nama nshingamateka y’ibihugu biri mu muryango w’ivyo bihugu, inama yabereye i Kampala mu gihugu c’Ubuganda, ndetse kandi kakaba kari n’akaryo keza ko kuraba ikibazo c’isoko rusangi aho igeze.
Nk’uko bivurwa na Shem Begeine umushikiranganji w’Ubuganda ajejwe ukwinjira kw’igihugu ciwe muri EAC, avuga ko imiriyoni 2.2 z’amadolari y’Amerika yateguwe kugira aze afashe mu gukingira ibidukikije cane cane ikiyaga ca Victoriya hamwe n’ugukingira ibifungurwa mu karere kose ka EAC.
Ama dolari angana n’imiriyoni 30 arategekanijwe k’umurwi uzotegura neza ikiyaga ca Victoria, hamwe n’ayandi mafaranga azokoreshwa mu bijanye n’ihindagurika ry’ikirere rituma akarere k’Afrika y’Ubuseruko, imvura y’isegenya, uruzuba, n’ibindi vyaduka bitandukanye bituma inzara yiyadukiza mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi, Urwanda, Kenya, Uganda na Tanzaniya.
Muri iyo nama yakoranije abashingamateka, abashikiranganji bajejwe ukwinjira kw’ibihugu vyabo muri EAC, baravuganye rwose uko ibintu vyogenda mu gukingira isi, ikirere, n’ibijanye n’ihindafgurika ry’ibihe muri ivyo bihugu.
Uburovyi mu kiyaga ca Victoria nabwo nyene bwarahawe amdolari y’Amerika angana3.2. Twobibutsa ko ico kiyaga gisanzwe gifise umusaruro ukwiriye mu burovyi, ku buryo bikozwe neza, bivurwa ko akarere kose k’Afrika y’Ubuseruko koronka imboga, ndetse n’ibindi bihugu bikaronka, ari naco gituma ikiyaga ca Victoriya citwararitswe cane muri iyo nama yabereye mu gihugu c’Ubuganda.
Aristide Nizigire