Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC: Kuva muri 2017 hazokoreshwa impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC: Kuva muri 2017 hazokoreshwa impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa (...)

EAC: Kuva muri 2017 hazokoreshwa impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none

lundi 7 Kigarama 2015

Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vy’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko mu gihugu c’Ubuganda, Shem Bageine yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2017,abanyagihugu bo mu bihugu vya EAC bagiye guhabwa impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none kandi zikoreshwa mu bihugu vyose.

Abanyagihugu bazotangura guhabwa izo mpapuro z’inzira mu mwaka uza,inyuma y’inama izohuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko,aho bazofata ingingo yo guhagarika izari zisanzwe zikoreshwa muri ivyo bihugu.

Ikinyamakuru, In2eastafrica, camenyesheje k,mu gihe hahimbazwa indwi yahariwe ibikorwa vya EAC mu gihugu c’Uganda,umushikiranganji Bageine yamenyesheje ko urwo rupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa none,ruzoba rwemewe kw’isi yose.

Yavuze ko abakuru b’ibihugu nibemeza uwo mugambi, abanyagihugu bazoshobora gukoresha indangamuntu batembera mu bihugu vyose vya EAC,kandi n’impapuro z’inzira nshasha zikabafasha gtembera kw’isi yose.

Mu mwaka w’2014 mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzania, inama y’abashikiranganji bajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC yemeje ishirwaho ry’uburyo bwo gutanga impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none kandi zihuriweko n’ibihugu vyose.

Abo bashikiranganji bemeje ko urwo rupapuro rw’inzira ruzoba rukozwe mu mabara y’ibendera rya EAC,kandi ko ruzomara imyaka 10.


Van Naris Mugisha

Messages

  • TWIZERE KO NUBURUNDI BULIMO.

  • none izompapuro zizoca ziguwa gute? ndi Nadel

  • vyoba ari vyiza bashize izo mpapuro kugiciro kitavuna

  • Ndaramukije cane abobatama babategetsi batwara Africa yubuseruko.
    Jew kubwiwanje nunva ari iterambere ridasanzwe kuri twebwe abanyafrica kuko tuzokworohegwa cane mugutembera isi yose turondera ubuzima , nukwungura. ubumenyi.

    none gabatama mwoshobora. kudutomorera neza ugworupapuro uko ruzoba rumeze? mbega ruzoba ruje gusubirira passport na Visa? none ruzotangwa namambasade nkko. vyari bisanzwe?
    none ugwo rupapuro ruzoba gwemerewe gutangwa kauri Bose? mbe ruzoba rugugwa gute?

    emwe nyamba bimeze UK mubivuze isi igiye kuba ntoyi cane kuko umuntu azoba. afise uburengazira bwokuja mugihugu ashatse
    mwijamborimwe niterbere rikomeye nacana cane kubantu dukunda gutembrera mubihugu bitandukanye. vyokwisi land I vyongeye. umunyafrika azogira. agaciro mwababazungu tubamwo. mukuvuga indege zo tugiye kuzifata nkama bus.

    hanyuma murazorabako vyokunda mukavyunva kum we mutore umuperezida um we atwara iryoshirahamwe ryibihugu vyafrica nkakurya kwa Obama atwara reta zunze ubumwe bwabanyamerika, Afrikaans yoca itera imbere kandi nintambara yoca ihera Burundi. mukurangiza ndifurje isi yose umwaka mwiza nacacane icogihugu canje camavukiro cuburundi
    murakoze!

  • None Ntizoboneka Vuba Ko Tubura Ivya Ngombwa Kandi Bikenewe!Gerageza Mubidukorere Vuba Muzoba Mukoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.