IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC yasavye ko amatora y’umukuru w’igihugu yokwigizwa kw’igenekerezo rya 30 (...)

EAC yasavye ko amatora y’umukuru w’igihugu yokwigizwa kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro

mardi 7 Mukakaro 2015

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yasavye ko amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu Burundi kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro,yigizwa inyuma kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro.

Mu nama yabereye i Dar Es Salaam kuwa mbere igenekerezo rya 6 Mukakaro yasavye kandi ko urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abandi bose batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bokwakwa ibirwanisho.

Iyo nama yasavye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika abasirikare kuraba uko ico gikorwa co kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha kizoba kiriko kiragenda.

Muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,basavye ko uwuzotsinda amatora y’umukuru w’igihugu yoshiraho Reta ihurikiwemwo na bose,abitavye amatora n’abatayitavye,kandi yiyemeze kudahindura ibwirizwa nshingiro canke ngo akore ku masezerano ya Arusha.

Rwasa Agathon arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,avuga ko ivyo arivyo bamye bipfuza ariko akabona ko bigoye kuko umwanya ari muto,bishobora kudakunda ko ibirwanisho vyoba vyavuye mu banyagihugu mu minsi nkiyi.

Umuhanuzi mukuru ajejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe,abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Tweeter avuga ko iyo nama yubahirije ubwigenge bw’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Biragoy Pe Mbega Uburundi Ntibuzopfa Bwikukiy?Ayo Masango Y’imbere Nayiki?Urubanza N’urwatwebw abanyagihugu.amatora ni ku wa 15 Mukakaro 2015.Agatho Rwasa naw vyamuburiye kk agasamara ayomajwi yarose ntagisivya Nditije Arayatwara ww ntamikino EAC Bigapu sana lakini burundi tunaweza tena sana PETER NKURUNZIZA tuta mchagua ka ilivyo

  • Itariki 30/07 Ntangorane Bazoce Baduha Impapuro 3 Kugira Narya Yabaye Asubigwemwo!! Kuko Bibuke UA Babujije Oposition Kwitaba Ayomatora Bababwiye Ko Azoba Aruko Yumvikanyweko Nabo Vyega Bose!!

  • EAC yasaze cank? ikibazo kiriho sicikiraminsi c, amatora!!! nuko nkurumbi atokwitoza kndi!!! yemwe yemwe mfasha twumvishe EAC itahure ikibazo uburundi bufise!!!!

  • ntabantu bapfa batoreye umuti ibiba abanyagihugu bafise kiretse imana

  • imana yoba igombe igarukire igihugu cari kigeze ahatemba

  • Jew mbona naho mwarungits umuhuz ba pacific na leonc bazohav batavyemer barya turabazi naridy mutavuz kutitoz kwa presid ereg urubanz ruc aben gihugu ntakibazo tuzomutor guko ntabwirizw azob arenz ba pacifique nabo baj iyo bashaka turabazi

  • abarundi turaremvye ni twikebuke ay’uwundi aryohera umugera

  • nimuduhe amahoro twebwe abarundi turarushe twishakira amahoro gusa kuko twarusheeeeeeee

  • mbega ubwigenge bwabrundi nuko hoba nyagupfa nanyagkira?jendabna adahevy kwitozo ntakizoshobka.akayabagu ndabna ntikaraher.ugtwi kwimpene kunva kokejwe

  • Nta gitangaza kiri mu vyo EAC isaba ahubwo twari gutangara iyo badoma urutoke ku mvo n’imvano y’ikibazo c’Uburundi(3e candidature ya NKURUZIZA).Mbega amanyanga y’amatora yakozwe le 29/06/2015 ko ataco bayavuzeko?Mbega iyo mandat ya 3 itemewe n’amategeko kandi yatumye abahora badufasha baduheba tukaba tugiye gupfa n’inzara ko ataco ivugwako?Mbega impunzi z’abarundi ziri mu Bihugu vyabo ko ataco bazivugako?Amaradiyo yaturiwe na reta,tutacumva n’amakuru dusigaye twumva ibihuha gusa yo azugururwa ryari? Umuhuza mushasha baduhaye tumuhaye ikaze na cane cane ko ari mu bahagarariye amasezerano ya Arusha,twibaza ko atazokwemera ko ahonyangwa nimba azi ico yatumariye naho abandi bo ngo ayo masezerano ntabaraba(CNDD-FDD).Emwe uwuzoramba azobona!MANA GARUKIRA UBURUNDI N’ABARUNDI!

  • IMANA YO NYENE NIYO IZOKURA INDYANE ZIRI MU BURUNDI.

  • Twebwe Abene Gihugu Nibatureke Tuzicire Urubanza Mumatora Atunganijwe Neza Reta Nibandanye Umugambi Wogutunganya Amtora Meza

  • Sinziko Harico Bizotanga Kirets Museveni Batamuciy Amazi Cank Ngo Imana Ivyirangiriz.

  • None gabasha, ubu rwasa aremeye peter yitoze? Ese aho niyitoza urambwira ko uko yakoze amanyanga mukurenga ibwirizwa shingiro ko niyasubira gutwara atariko azorihindura? Jewe hadakoze inguvu azogipfirako ntanubwo azigera akirekura kuko arazi ko kukivako n’urupfu,no kukigumako n’urupfu rero abo bakuru bibihugu bariye amahera nawe baze baraguhenda wemera ngo nivyo mwahereye kuva kera musaba,namba mwarabisavye vyarakunze?

  • ni kuki batavuga ivya 3e mandat?ikibazo si kwunguruza amatora.ikibazo ni mandat.ko batinya ico kibazo?aho ntaco badufashije.nibamugondoze aheb,iyo manda ibara ritaragwa.

  • Harikintu intumva zitibuka. Uburundi nigihugu cigenga. Amakungu siyo afise ico avuga ku matora yacu kuko twebwe abene gihugu dutora uwo dushaka. Le 15 haratevye ahubwo twitorere indongozi ikunda uburundi nabarundi. Nabo tutatoye baradutwaye turemera. Ni mugacemwo namwe mwumve.

  • Amatora niyo yosubirwamwo ntimwotsinda je mbona mwokumvikana mugasangira

  • IBIJUJUBIRAPFANTIBIHONA NTABWAMIBUDAHANGUGWA!!VYOSE UMUKAMAWENYENE!’

  • Iconiciyumvirocanyu, amatora igihe coguhundura ikirangamisi cararangiye nimutureke twitorere indongozi izonjavyi nubwomwobaha imyaka nimyaniko ntimuzigera muzinezereza, rekarero twitorere umutiwabo twaramaze kuwumenya uwariwo turindiriye tubanzetuve mwibibihe vyamatora muzotugaye muguteba ariko dutanguye kubahumuti ntimuzogaya.

  • Biragoye kweri. karashize ingani umuntu atware abatamusha. mbe ayo maronko yo kwizigitirira kuvyisi azobageza hehe. MANA TABARA ABAZIRA UBU.

  • Biragoye kweri. karashize ingani umuntu atware abatamusha. mbe ayo maronko yo kwizigitirira kuvyisi azobageza hehe. MANA TABARA ABAZIRA UBU.

  • Biragoye kweri. karashize ingani umuntu atware abatamushaka. mbe ayo maronko yo kwizigitirira kuvyisi azobageza hehe. MANA TABARA ABAZIRA UBU.

  • Bararinda kandi natwe turarinda,bagiye ngaho baturaza kurya musonga,batera ama grenades abanyagihugu ngo ntibatore,bikura mu matora kubera ata banywanyi bafise,none ngo baje muri gouvernement,sans blague ntibishoboka kandi ntitwegeza inyuma amatora,abantu bo muri opposition mufise imigambi yanyu yo kwica abanyagihugu,twebwe dufise imigambi yo kubakingira,rero dukeneye inzego ngo bishoboke,rero twara mutamena.

  • iyonama ntakinini izohindura icabarundidushaka nihabe amatora ahurikiyemwo bose hadatotejwe uyu canke uriya imana izigame uburundi nabarundi.

  • Mbega abarundi!none ayo matora azoba amaze iki tutariko tugendera kumategeko twishiriyeho?biracatugoye pé.

  • aha niho tugiye kuraba koko niba uburundi bwarikukiye nkuko duhora tubiririmba!!!

  • niba Nkurunzuza ntagahunda afite yo kurekura 3emme manda nta nimpamvu yokwigiza inyuma amatora kuko vyaba ari agahombo gakomeye kugihugu kuko nintererano zogufasha igikorwa camatora benezo bahejeje kuzigumya. aha rero irabe neza itahava igwa mumitego bari kuyitega.

  • Mbenga haaa sinzi ibirwanisho bir mumbonerakur bazobibaka? oy nimba ari abad bazoza gusaka atari abo muburudi abapors abasond niret yankuruzz naho atari bose igitsur kirakora

  • Biragoye.Kwabarundi.Bunva.Mana.Tabara.Uburundi.Ua.Ea.C..Ntaco.Vyodufasha

  • Nikera cane m naho bobaha umwaka abakeba ba CNDDFDD nta banywanyi bafis bishakira transition bazoca bazana.ibindi rero ntibarenge ibiringo vy,umu président si.non twokwicana abanyamerika ivyo barondera bikaba bikunze Piter sangwa intsinzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.