Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : Abanyasierra leone batanguye ya minsi itatu yo kutava mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ebola : Abanyasierra leone batanguye ya minsi itatu yo kutava mu (...)

Ebola : Abanyasierra leone batanguye ya minsi itatu yo kutava mu nzu

vendredi 27 Ntwarante 2015, par IGIHE

Abanya Sierra Leone batanguye ya minsi itatu yo kuguma mu mazu yabo mu ntumbero yo kuraba uko botuza burundu indwara ya Ebola, mu kurondera uwo wese yoba afise ibimenyetso vyayo.

Imiriyoni zitandatu zose z’abanya Sierra Leone havuyemwo abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, canke abafise uruhusha rudasanzwe, abandi bose babwirizwa kuguma mu mihana yabo gushika igihe c’isaha 12 z’umugoroba ku munsi w’Imana, nk’uko ingingo yafashwe n’umukuru w’ico gihugu ibivuga. Ariko rero ku munsi w’Imana guhera igihe c’isaha imwe y’agatondo gushika igihe c’isaha umunani, bazotezurirwa bashobore gusohoka kuko, uwo munsi uhuriranye n’uw’Imana w’ibisandasanda, muri ico gihugu kirimwo abo mw’idini rya Islamu batari bake, ariko n’ubwo biri uko, abakirisu bakaba bafise uburenganzira bwo guhimbaza iminsi mikuru yabo.

Abitanzi rero bashika 26.000 nibo bariko bakora baja kudodora ku muryango umwe umwe, ico gikorwa kikazoza kirakorwa kandi ku magenekerezo ya 4, 18 na 18 Ndamukiza, mu ntumbero ya rwa rugamba rwishinze gutuza burundu umugera w’indwara ya Ebola.

Tubamenyeshe ko mu biharuro biheruka gushirwa ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, kuwa 22 Ntwarante uno mwaka, Ebola imaze kwica abantu bashika ku 10300, ni ukuvuga ku bice birenga 99 kw’ijana muri ivyo bihugu uko ari bitatu. Rikaba rigize kabiri ico gihugu gitegura urugamba nk’urwo, ikindi gikorwa nk’ico kikaba cari cabaye ku magenekerezo ya 17 gushika kuwa 19 Nyakanga umwaka uheze. Muri ico gihugu bakaba bipfuza kubona uwo wese yoba afise ibimenyetso vy’iyo ndwara ya Ebola.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.