Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ebola : Arabia Saoudite iragavye
Ebola : Arabia Saoudite iragavye
lundi 29 Nyakanga 2014
Abategetsi ba Arabia Saoudite bagavye bwa gisoda imbere y’ikiza ebola, narirya bari bamaze guhangana n’ikindi kiza ca Coronavirus cahigeze.
Uburyo bwo kwikingira ico kiza bwaramaza gushirwaho ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’umwami Abdelaziz i Jedhah. Abantu bashika hafi imiliyoni zine bitezwe mu rugendo rukuru i Maka (Mecque), kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 5 Gitugutu. Abaganga, abaforoma n’abafasha kuvura bose baragavye cane, kuri ico kibuga c’indege. Bategerezwa kwambara impuzu zibakingira uwo mugera, nk’uko Abdulaziz Bin Saaed, umuhanuzi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Arabia Saoudite, yavuze asigura ko batikingiye badashobora gukora, kandi ko intumbero atari ugukingira abanyagihugu baho gusa ariko bashaka gukingira amakungu yose.
Umuntu wese yururutse indege ategerezwa kwuzuza igipapuro co kwa muganga hanyuma agaca imbere y’icuma gifata amasanamu gipima ubushuhe. Habaye amakenga, uwo muntu azojanwa ku bitaro biri Jeddah.
Mu kwirinda gukwiragiza umugera ebola, abategetsi mu gisata c’amagara babujije urugendo abagore bibungenze, abasaza n’abarwaye indwara zidakira. Nta rupapuro rw’inzira rwatanzwe muri uyu mwaka ku banyagihugu bo muri Guinée, Liberia na Sierra Leone, ibihugu bitatu bigeramiwe cane n’ikiza ebola, hamwe na Nigeria.
Nadege Irakoze