Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ebola : Cameroun yugaye imbibe zayo na Nigeria
Ebola : Cameroun yugaye imbibe zayo na Nigeria
mardi 19 Myandagaro 2014
Ikiza Ebola cateye mu bihugu vy’Afrika y’Uburengero kimaze gufata n’ukwica abatari bake. Nko muri Nigeria, abategetsi bavuga ko ico kiza kimaze kwica abantu bane, n’abandi 12 bamaze kwandura uwo mugera. Ariko muri Cameroun, ebola ntiribonekeza narimwe gushika uyu musi.
Ko ivyo bihugu bibiri bihana imbibe ku birometero bishika 2000, igihugu ca Cameroun cafashe ingingo kuruyu wambere itali 18 yo kwugara imbibe zose yaba izo mukirere, mu mazi nizo kw’isi gihana ni gihugu ca Nigeria.
Kuri iyo ngingo yokwikingira, hongeweko ukubuza uruja n’uruza n’ibindi bihugu vyamaze gutegwa n’uwomugera ebola kugirango bakingire abenyagihugu ico kiza. Ibihugu bitandukanye yaba ivyo muri Afrika ndetse n’ibindi, abashikiranganji bajejwe amagara y’abantu, bakaba bariko barafata ingingo zogukinga ico kiza c’iyo ndwara.
Nadege Irakoze