Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : Ibishobora gushika biteye ubwoba amakungu
Ebola : Ibishobora gushika biteye ubwoba amakungu
mercredi 24 Nyakanga 2014
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu gihu ca Amerika bamenyesheje, ejo haheze, ko Ebola ishobora kwandukira abantu bagera ku muliyoni umwe n’amajana ane (1,4 million) muri Liberia na Sierra Leone guhera ubu kugeza mu kwezi kwa Nzero ni hatagira inyishu iboneka mu maguru masha.
Ibigo bitandukanye bijejwe gusuzuma no gukinga indwara (centres fédéreaux de contrôle et de prévention des maladies) vyerekana ko umugera wa Ebola ushobora kwandukira abantu bari hagati ya 550000 n’umuliyoni n’amajana ane (1,4 million) kuva ubu kugeza kw’igenekerezo rya 20 Nzero muri Liberia na Sierra Leone, bibiri mu bihugu bitatu bigeramiwe cane.
Ariko umuganga Tom Frieden arongoye ibigo bitandukanye bijejwe gusuzuma no gukinga indwara avuga ashimitse ko ivyo bitigiri biterekana neza uko ibintu bimeze kandi atarivyo kurabirako. Avuga ko ivyo vyakozwe mu kwezi kwa Myandagaro imbere y’uko Reta zunze ubumwe za Amarika zitangura guhagurukira n’inguvu ico kiza.
Ishirahamwe ry’ amagara y’abantu (OMS) ryoryo, ryamenyasheje ejo haheze ko ibitigiri vy’abandura bishobora kuva ku majana bigashika ku bihumbi ku ndwi atagikozwe mu gufata ingingo nyamukuru zo kurwanya ico kiza. Bivanye n’ivyo vyavuzwe, ibiharuro vy’abandura bishobora kurwizwa na gatatu bikazoshika 20.000 mu kwezi kwa Munyonyo. Iryo shirahamwe rikamenyesha ko ebola imaze kwica abantu 2811 kuri 5864 banduye.
Nadege Irakoze