Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberia : Amashure aratangura inyuma y’amezi atandatu ahagaritswe kubera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Liberia : Amashure aratangura inyuma y’amezi atandatu ahagaritswe kubera (...)

Liberia : Amashure aratangura inyuma y’amezi atandatu ahagaritswe kubera Ebola

mardi 6 Nzero 2015

Mu gihugu ca Liberia amashure agiye kwugururwa inyuma y’amezi ashika atandatu yugaye kubera ikiza ca Ebola.

Muri Liberia amashure yari yugawe guhera mu kwezi kwa Myandagaro 2014, ategerezwa kwugurura guhera muri uku kwezi kwa Ruhuhuma, bikaba vyamenyeshejwe mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amashure.
N’amashirahamwe y’umupira w’amaguru yaciye amenyesha ubwo nyene ko bagiye kubandanya amahiganwa. Bagira bati : "Turasavye amashure yose kwitegurira gusubira ku mashure mu kwezi kwa Ruhuhuma, muri iryo tangazo bakaba basavye amashure kurondera n’ibikoresho vyo kwa muganga."

Tubibutse ko ico kiza ca Ebola cihaye inkumbi mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero, gushika ubu abantu bagera ku bihumbi hafi indwi akaba aribo bahitanywe n’iyo ndwara.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.