Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSF yatanguye kugerageza imiti yovura Ebola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > MSF yatanguye kugerageza imiti yovura Ebola

MSF yatanguye kugerageza imiti yovura Ebola

jeudi 13 Munyonyo 2014

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF ryatanguye igerageza ryo kurondera umuti wovura ca kiza Ebola. Amagerageza ya mbere akazotangurira mu kigo cakira abarwaye indwara ya Ebola muri Guinée hamwe no muri Liberia.

Mu gihe ata muti gushika ubu uraboneka wo kuvura ico kiza ciha inkumbi mu bihugu bitandukanye na cane cane muri Afrika y’uburengero, kuri uno wa kane, ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe kw’isi MSF ryamenyesheje ko batanguye igerageza ry’imiti itatu yoshobora kuvura iyo ndwara.

Ivyo rero vyotuma abanyagihugu bo mu bihugu bigeramiwe cane n’iyo ndwara bagira icizere ko bagiye kuronka umuti, kuri iyo ndwara ihitana ibice biri hagati ya 50 na 80 kw’ijana ry’ababa bafashwe nayo, nk’uko muganga Annick Antierens arongoye ivyo bikorwa vyo gupima iyo miti muri MSF abivuga. Iryo gerageza rero ritegekanywa gutangura mu kwezi kuza kwa Kigarama, ariko inyishu za mbere zishobora kuboneka mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uza.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS rikaba rizifadikanya n’abazokora ibipimo. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa gatatu, bavuga abantu 5160 bamaze kwitaba Imana ku 14.098 bafashwe n’iyo ndwara.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.