Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ebola : OMS iratera akamo abategetsi bo kw’isi yose gukora ibishoka
Ebola : OMS iratera akamo abategetsi bo kw’isi yose gukora ibishoka
vendredi 26 Nyakanga 2014
Margaret Chan, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu, yarahamagariye kur’uyu wa kane uheze abategetsi bo kw’isi yose gukora n’intumbero zirashe mu gutuza ikiza ca Ebola gitikije inganda muri Afrika y’Uburengero.
Agahamagarira amakungu yose gukora ibirenze, ibimazwe gukorwa mu kurwanya ico kiza muri Afrika y’Ubuseruko, avuga ko amakungu afise ubushobozi bwo guhagarika ico kiza giteye ubwoba. Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, akaba yavuze ko ico kiza cica abarenga 200 y’abantu ku munsi bagizwe n’ibice bibiri kuri bitatu vy’abagore, nawe nyene agatera akamo amakungu guhagarika ebola mu maguru masha.
Ikiza ebola, candukira cane, kimaze kwica 3000 vy’abantu kuri 6 000 vy’abarwaye cane cane muri Guinée, Liberia na Sierra Leone. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) rikagabisha ko ico kiza kiguma gikwaragira henshi mu mwanya muto kandi ko ata gikozwe mu kwongereza uburyo bwo gukoreshwa hashobora kwandura abantu bashika ku 20 000 kuva iki gihe gushika mu kwezi kwa Munyonyo.
Nadege Irakoze