Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ECONET LEO irashima kuba ariyo ifashe mu mugongo ihiganwa rya Miss Burundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ECONET LEO irashima kuba ariyo ifashe mu mugongo ihiganwa rya Miss Burundi (...)

ECONET LEO irashima kuba ariyo ifashe mu mugongo ihiganwa rya Miss Burundi 2016

samedi 13 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bukuru bwa Econet Leo bwahaye kuri uwu wa kane umubonano ku bigeme bose b’Abarundikazi bariko bahiganirwa ikibanza c’umwigeme wa mbere w’umurundikazi, mwiza kandi aciye ubwenge (Miss Burundi 2016). Ihiganwa ry’ugutora uwo mwigeme (finale) rizoba kuri uwu w’Imana.

Iryo shirahamwe ry’ugutumatumanako rivuga ko ryishimiye kuba ariryo rifashe mu mugongo iryo higanwa rya Miss Burundi 2016, rikaba mbere ryashizeho uburyo bw’ingene abanywanyi baryo botora uwo bashaka, mu kurungika ubutumwa bugufi ku nomero 800.

Umunywanyi akeneye gutora arungika ijambo MissB1 iyo ahisemwo Ketsia Ngabirishimwe, MissB2 kuri Claudia Joëlle Ingabire, MissB3 kuri Arlette Muhimpundu, MissB5 kuri Sonia Tuyishimire, MissB6 kuri Ange Bernice Ingabire, MissB7 kuri Laly Lorraine Bizindavyi, MissB8 kuri Gretta Kwizera, MissB9 kuri Marie-Line Mugwera, MissB10 kuri Cheilla Curinyana, hamwe na MissB11 kuri Ornella Gahimbare.

Umunywanyi wa Econet Leo afise uburenganzira bw’ugutora uwo yahisemwo incuro zose ashaka, ubutumwa bugufi (SMS) bumwe bukaba burihirwa amafaranga ijana y’amarundi.

Umunsi wa nyuma w’ukumenya uwuzoba yatsindiye ikibanza ca Miss Burundi 2016 ni kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 14 Myandagaro 2016 kuri au Safari Gate. Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi, abanywanyi ba Econet Leo bakaba bashobora kugura itike y’ukwinjira bakoresheje ECOCASH.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.