Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Eddy kamoso na Ester Wahome batanguje isemo ryo gukorana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Eddy kamoso na Ester Wahome batanguje isemo ryo gukorana

Eddy kamoso na Ester Wahome batanguje isemo ryo gukorana

mardi 31 Ntwarante 2015

Inyuma y’urugendo rw’umuririmvyikazi Ester Wahome mu Burundi ku butumire bwa Eddy Kamoso, abo bompi baciye bakorana ururirimbo mu kwunga ubucuti.

Ester Wahome wo muri Kenya yari yaje gufasha Eddy Kamoso mu biteramo 2 aherutse kuremesha. Igihe Ester Wahome yatanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru yavuze ko bagiye kwagura ibimbe ku vyerekeye umuziki mpimbazamana. Yaranavuze ko nawe azoheza agategura igiteramo azotumiramwo Eddy Kamoso kugira amusubirize mu ndumane.

Muri iyo ntumbero, Ester Wahome na Eddy Kamoso bajanye muri Ikoh Multiservice gukorana ururirimbo. Urwo ruririmbo barwise "Raha", nk’uko tubikura muri Ikoh Multiservice.
Ntirurahera gukorwa ariko tuzorubashikiriza rugiye ahabona.

Umviriza "Ndagushaka", rumwe mu ndirimbo za Eddy Kamoso

Umviriza ururirimbo "Kuna Dawa" rwa Ester Wahome rwamenyekanye cane


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.