Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana ahamagarira abarundi mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana ahamagarira abarundi mu myiyerekano

Edouard Nduwimana ahamagarira abarundi mu myiyerekano

vendredi 16 Nzero 2015

Inyuma y’igitero cabereye mu ntara ya Cibitoke, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ahamagarira abanyagihugu kuvyiyamiriza, mu kuja mu mabarabara.

Mu nama Edouard Nduwimana yagiranye n’abakozi b’Imana mu Burundi, akaba yabasavye ko nabone bohamagarira abakirisu babo muri iyo myiyerekano itegekanijwe kuri uwu wa gatandatu wa 17 Nzero mu ntara zose z’igihugu, mu makomine yose n’igisagara ca Bujumbura kirimwo. Edouard Nduwimana akavuga ko Ingabo z’Uburundi zerekanye ko zabungabunze neza umutekano w’igihugu, nk’uko n’iyo ziri mu bindi b’ihugu ziwubungabunga bigashimwa.

Abandanya avuga ko umwana n’uwukuze bo mu ntara ya Cibitoke bashima ubutawari bw’abo basirikare, mu bikorwa bakoze vy’uguhasha abo bari bateye igihugu. Avuga kandi ko bahamagariye abarundi bose kwiyamiriza ivyo bitero, mu gushigikira abasirikare b’igihugu, mu myiyerekano izobera hose mu gihugu. Ariko rero y’aba abo bakozi b’Imana canke abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, bose basaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, kubanza bagatohoza abo bateye abaribo, mu gihe kugeza n’ubu abateye ataco baravuga.

Abari muri ayo mashirahamwe bakiyamiriza kandi ko, ico gitero gishobora kuzohava kiba intandaro yo guhereza abatavuga rumwe na CNDD FDD mu mabohero.


Aristide Nizigire

Messages

  • - UKO NUGUSAMAZA ABARUNDI
    - Ntawokwankako bagira imyiyerekano ya mahoro, ariko ivyo CNDD FDD iriko irakora c’est la politique de l’autriche , une politique en miroir comme celle de Havyarimana au Rwanda en 1994, barazi neza cane ko abo bateye ari za mbonerakure zahora i congo bari babuze iyo bazishira baca bazihenda ngo zitahe munyuma baca barazica

    - Uwubishoboye ntazoje muriyo nkinamico yivyo bijuju vya ba DD , mbega bariko bahenda nde, Izo mbonerakure mwahenze mukaca musesa amaraso yazo IMANA izobahumira kandi ayo maraso muzobona ingaruka mbi yayo
    - Ntahagire uwo bahenda ngo nurugendo rwamahoro uko nukubasamaza , barijana bo bazi ivyo bakoze
    - abasoda na ba police nabo nibareke guhendwa nizo nyanka Burundi za ba dd atakindi barota atari ukwica , kwiba no gusambana
    - amezi musigaje kubutegetsi araharuye kuntoke, ivyo mwakoze vyose IMANA YARABIVUMYE

  • idiot comme idée le mal reste le mal peut importe qui le fait. Ça change quoi si celui-ci ou celui-là.
    Au delàdes responsables dénonçons d’abord ce mal! le reste si il arrive qu’on sache qui ils sont que la justice et la loi soit appliquées sans favoritisme ou amalgame.
    Je n’aime pas le tralala politique mais làje vais y aller!

  • MBEGA EDOURAD YAHORA YANKA MANIFESTATIONS NONE ARAZUGURUYE ..MBE NITTWANKA ENROLEMENT TUGIRA MANIFESTATIONS UZOYEMERA NAYO??KO NZI KO MANIFESTATIONS ARI VOLONTE POPULAIRE MURI DEMOCRATIE??BANZA WEMERA KO NIZINDIZIZOKORWA NIHO HARI DEMOCRATIE//URATIMBA PETER ACE AGUKURA !!!!!!

  • Mbega bwa bundi imyiyerakano ko Leta yuburundi yahora ivuga ko ibujijwe bagira barenge kumategeko,Canke abanyagihugu boja mwi barabara kwiyamiriza abo batazi nibareke gufata abanyagihugu nkibijuju,ngaho bahamagaye aba nywanyi babo kugirango babandanye kujuragizaabarundi.ntihagire numunyagihugu numwe azokwitabira iyo mwiyerekano kuko ifitaniye isano nivya politique.canke nibabanzebasigure abo bateye abaribo bahagarike ayo ma rementanya yo gupfunga abo batavuga rumwe.

  • ABANTU BOSE BAZI KO BATIREMyE

    Turakwiye GUTEGURA IMYIYEREKANO YO KWIYAMIRIZA ABISHE BABA BIKIRA BA BATARIYANO DUSABA UBUTUNGANE BUKORE ATAGITSURE.edouard yanse TUZOCE TUMWIYAMIRIZA TURUHUKE TUMUFASHE. HAMA TUMUBOHE.MUMENYE KO AHO KUBA IMBWA WOBA INVA.

  • turakwiye kwiyamiriza SHETANI NINYOSHAMBI ZAYO ZOSE (CNDD-FDD )KUGIRA 2015

  • NIMWIYAMIRIZE SHITANI KAGAME kuko niwe wagabye icyo gitero....

  • EWE YESU GARUKIRA IGIHUGU CACU KIGEZE AHO UMWANSI ASHAKA NUMVA ATACO NORENZA KO KUKO BIRARENZE ABANTU BIRIRWA BARICWA ABANDI BAGACUGWA BUFUNI NA BUHORO NONE NGO TUJE MUMABARABARA EWE MANA YIJURU NISI KARABAYE MIGIHUGU CACU.

  • Mbega ko imbonerakure irozo zateye Uburundi zikongera zikarwanywa n’imbonerakure iyo nzinzi bavuga ni iyihe?

    ImbonerakureEduard Nduwimana n’izindi mbonerakure batumyeko imbonerakure kugirango biyamirize imbonerakure. Aba DD bariko barata umutwe.

  • Hahahaaaa ariko EdouardNduwimana ubwo arakomeye?kubona ahamagarira abanyagihugu kwihereza amabaraba ninde yamuhaye uruhusha wewe?iyo abandi bahamagariye abanyagihugu kwiyamiriza ibitagenda neza mwiyo reta yabo akominduru ngo ntaruhusha atanga rero ntadufate nkibijuju twebwe abarundi tubona kure sinkakera

  • wewe wiyita yohani nibindi bijuju nkawe,ndabona waraciye kwishure;mugisata c’ingendereza ufise ubumenyi bungana gute?

  • Nimuhamagarire kurwanya igiturire,akarenganyo,agahahazo,iduzwa ry’ibiciro,ikori rirengeye kubidandazwa,ubwicanyi niterabwoba bigirwa kubashikiriza ivyiyumviro vyabo,ubukene,ubushomeri!ariko ivyo mucibitoke ntivyotuma tuja mwibarabara kuko barabatunyegeje ntanabo tuzi!barundi benewacu kanura tubone ukuri

  • Inyiyerekano y’abakristo iri kumavi!umukristo yoca mwibarabara
    Yoga yabuze icakora!mbe wokwiyamamaza utazi nuwo urikwiyamamariza?
    Manze mushire ukuri ahabona mureke kwicarako.

  • yemwe yemwe muzogeza ryari kwama murementanya nigihababu cubutegetsi mufise canke? isoko ishe NGO ni dd imvura nyishi NGO ni dd izuba ryaka NGO ni dd ibiziga bivuye murwanda NGO ni dd no ikibiri name sosiete civil baterigihugu NGO ni mbonerakure numwana yoba akivuka yobona ICO mugamije gusa mwibuke ko ngorewe hano mumaha kubera amarementanya yanyu NGO nintange amajwi kiri RPA nemeze kondimumbonerakure zariko zijanwa muri Kongo none bwabuzima bbwiza mwambarira NGO sinduhije azonyakira amfashe vyose burihe ? mwisubireko kuko nkaronka itike ngataha ntihaze hagire uvuga NGO namarementanya

  • Benewacu Burundi.
    Murambabaza cane.ntahomuzishikana mutaramenya ibibikurikira.

    1. Gukunda igihugu cawe wabuhaze canke ushonje.
    Gwanyirizumwasi hamwe hanyuma ibindi bize munyuma.

    2. Kubaha abaganza mubone kuramba . Kuko ikijuju ucumvira mumajambo meshi ,ariko iyuvuga make abakubona bose bavuga kuzubwenge .

    Komwabatoye niba barakoze neza muzobibereke mumatora , naho nababa bakoze nabi nahonyene mubiberekere mumatora.

    Kera abarundi mwarangwa nurupfasoni arikubu murangwa nubudumbiduuuuuumbi.

    Attation:
    Igisirikare nicuburundi nabarundi. Nimucubahe mun a gishigikire kuko natwe twipfuza gutwara tuzokorana naco.

    Turabasengera kugirango ntimuje mumosha mabi.
    Imana nyenamahoro ibaduhingurire gooooose.

  • Edwarudo Nijimbere eehh yitwa nduwimana, arantunga, umuja wa ba DD ayo maraso ya benewanyu muriko murasesa azobahumira..... ikinezera nuko abarundi babahinyuye.... Musenyeri , yarababwiye ko abarundi bazemera ko mubandanya mubagira abaja babo ..... Burundi nigihugu cabarundi bose , abo mwirigwa muraniga, abandi mutortura canke mupfunga , mugihugu cabo camavukiro , birababaje kandi hageze namba harengeranye ko tubikkkomora tukabacira ..... go to helll .... Dukeneye imyiyerekano yo kwiyamiriza aba DD ni mbonerakure zabo zipfukamye igihugu munda ....Mr Nduwimana Edwardo , u will die like A SMALL idiot , your time is coming my friend ....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.