Accueil > Amakuru > Poritike > Itegeko ry’inyifato y’amashirahamwe mu matora ryoba rigiye gushirwaho
Itegeko ry’inyifato y’amashirahamwe mu matora ryoba rigiye gushirwaho
mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yatangaje icese, ko bariko biyumvira kuvugana n’umurwi CENI kugira hashobore gushirwaho itegeko rijanye n’inyifato yoranga abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi mu gihe c’amatora.
Umushikiranganji Edouard Nduwimana avuga ko iyo ayo mashirahamwe ariko arasaba ko yemerwa n’ubwo bushikiranganji arongoye, bama bavuga ko intumbero nyamukuru y’ayo ari kuzoshigikira Reta. Ariko rero umuntu yamara kuraba ingendo n’inyifato iranga bamwe muri abo bagize ayo mashirahamwe ku rubuga, avuga ko bibabaje kubona bamwe bakora ibitandukanye n’ivyo biyemeje, ivyo akaba yabimenyesheje igihe yari agomba asozere uruganda rw’iminsi ibiri rwariko ruhuza amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, imwe mu migambwe, amwe mu madini n’amashengero. Urwo ruganda rukaba rwari rufise intumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amatora Uburundi bwimirije.
Umushikiranganji Edouard Nduwimana agira ati : "Birakenewe ko nabo bagira amategeko ajanye n’inyifato bategerezwa kugira mu gihe c’amatora nk’uko biri ku banyamigambwe n’ibimenyeshamakuru."
Kubwa Edouard Nduwimana, iryo tegeko ryotuma ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike areka kuza arakora ivyegeranyo bifise aho bihengamiye, mu gihe c’amatora, na cane cane ku biro vy’amatora aho bazoba bashizwe gukurikirana amatora uko ariko aragenda.
Floxella Karire