IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana: Imbonerakure za CNDD-FDD barazirenganya

Edouard Nduwimana: Imbonerakure za CNDD-FDD barazirenganya

mercredi 1er Rusama 2013

Abagize Leta y’Uburundi batatu basanzwe bari no mu mana nkuru y’umutekano baratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuwa kabiri igenekerezo rya 30 Ndamukiza umwaka w’2013.
Abo bategetsi yari Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane.

Ku kibazo c’umutekano uvugwa ko utifashe neza mu gihugu, umushikiranganji w’umutekano yashikirije ko muri rusangi igihugu kiratekenye. Ariko ntahakana ko rimwe rimwe bicamwo hakaboneka ubwicanyi kuvuye ku matati y’amatongo n’ukutumvikana hagati y’abubakanye.
Ku vyerekeye uburenganzira bw’ama nama ahuza abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na Leta , Edouard Nduwimana yamenyesheje ko ubwo burenganzira buhari, iyo abayateguye bubahirije amategeko.

Abanditsi n’abamenyeshamakuru babajije ibijanye na rusansuma ruriko rukorwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke. Edouard Nduwimana yishuye ko umugambwe uwariwo wose ufise uburenganzira bwo gusuzuma no gusubiramwo urutonde rw’abanywanyi bawo. Ikibujijwe ni ukubikora umuryango ku wundi, mu kinyegero.

Yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD zimaze imisi zitungwa agatoke zifise uburenganzira bwo guterera mu bijanye n’umutekano n’iterambere, co kimwe n’uwundi murundi wese, nk’uko ibwirizwa shingiro ribirekura.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.