IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Edouard Nduwimana yarekuriye umuhuza w’abarundi kunywanisha Abadasigana

Edouard Nduwimana yarekuriye umuhuza w’abarundi kunywanisha Abadasigana

lundi 26 Nzero 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yahaye uburenganzira umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bwo gushobora kwumvikanisha abagiye bamwitura nk’umugambwe UPRONA, ishirahammwe ry’abamotari , hamwe n’ishirahamwe COMIBU.

Mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 26 Nzero ,umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yakiriye mu biro iwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana. Nk’uko tubimenyeshwa na Edouard Nduwimana , inyuma y’uwo mubonano, avuga ko yaraje kugira bahanahane ivyiyumviro ku vyerekeye ibibazo bimwe bimwe vy’abagiye bitura urwo rwego kugira batunganirizwe, kuko basanzwe banakukira ubwo bushikiranganji, ivyo bibazo navyo n’indyane ziri mu mugambwe UPRONA, mw’ishirahamwe ry’abagendesha amapikipiki ,hamwe n’ishirahamwe ry’abislamu hano mu Burundi.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana amenyesha ko ata ntambamyi n’imwe ko bitura urwo rwego, kuko mu gihe batashimishijwe n’ingingo z’umushikiranganji , umuhuza arashobora kubanywanisha. Ariko rero umushikiranganji Edouard Nduwimana amenyesha ko ibiba vyavuyemwo bishobora gushirwa mu ngiro mu gihe biba vyisunze amategeko.


Floxella Karire

Messages

  • hihihiihhi Kakunaniye none uri kumaramara kumuhuza .,,Urya ahuza mubiki ko muri kumwe???? Aba DD BAKAHAVA UZOCE UFATA IYIHUTA KUKO TUZOHERA KURI WEWE WA MWANSI WA uPRONA ..WARAPANUTSE INDAAA..UZOBIDAHWA BIGUCE INYUMA..........tUKWANKA BIBI

  • agire umurage ivyamunaniye ,yarawusambuye none agomba ko wungwa nande nareke guhuma amaso abarundi turazi ko yatumwe na ba dd kuwuzimanganya aho bazovira ku ntwaro uzobaho conciliya naw bamwinjize muri cndd fdd

  • agire umurage ivyamunaniye ,yarawusambuye none agomba ko wungwa nande nareke guhuma amaso abarundi turazi ko yatumwe na ba dd kuwuzimanganya aho bazovira ku ntwaro uzobaho conciliya naw bamwinjize muri cndd fdd

  • IYOMUVUGA NGO DD IZOVAHO TUTARIKO TURANKA ENROLEMENT YABAYE MUBONA TUZOCA HE ???EREGA ABA PAYSANS BARI MU BUKENE N ITERABWOBA ..ABATARI MURI WOBOTOYE AHANDI RABA MU KIRUNDO BAMAZE GUHUNGA ,,KUKI ABANTU BATABANZA KWANKA ENROLEMENT?????NIHO HARI IKIBAZO..!!!!!NAYO EDOURAD AZIBONERAKO NTAGIRE NGO DD HARI UWO IKUNDA EHE NA ADOLPHE YARAMWIGARAMYE ..HARYA NI INTANGO!!!!!

  • Ico mutari muzi , uwo Edouarudo niwe yamaze abahutu bo muri Kaminuza yuburundi , yagandaguye abahutu 29 bomuri Kaminuza inyuma ya Genocide yagiriwe abatutsi nabahutu bagomvye kubakingira. Abahutu rero ntagirengo ntitubizi, agerageza kutwinyegezamwo atoteza benewabo babatutsi yibaza ngo niho twokwibagira itsembatsemba yakoreye abahutu bo muri Kaminuza y’Uburundi. Nayo Uwo mugambwe wa Rwagasore abarundi bose bazeyeko uburaro nuburamuko azowuzira, yafashe aba Kongomani Bitwa GASTON SINDIMWO , n’umuhudukazi wigihemu Concilia , abaha umugambwe wa UPRONA-DD, none vyabatekurukanye , ico gikankara kigizwe nabahemu , tuzoraba 2015 , ko Edwarudo azoba ari mu mpimba nabo ico bazoba bari .... ?? Na Giswaswa Evrard (Muvyara wa nkurunziza president kuri ba nyina) warabonye ko bamwihindutse nabi ..... Ewe sha Edouard wewe ntuzotunanira ...wait and see....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.