Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Abitwaje ibirwanisho babandanya kudurumbanya umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Abitwaje ibirwanisho babandanya kudurumbanya umutekano

Egypte : Abitwaje ibirwanisho babandanya kudurumbanya umutekano

mardi 22 Ndamukiza 2014

Mu gihugu ca Egypte umuporisi afise ipete ryo hejuru yishwe co kimwe n’uwundi bari kumwe mu gitero cagizweko, n’abo bivugwa boba bashigikiye Mohamed Morsi.

Abo basirikare bahasize ubuzima mu gihe abo bitwaje ibirwanisho barashe ku muduga wari ubareruye bageze kw’ibarabara rya Caire uja i Suez, abawurashe nabo bakaba bari abantu bitwaje ibirwanisho, bivugwa ko boba bashigikiye Mohamed Morsi yahoze ari umukuru w’igihugu ca Egypte. Kuva mu kwezi kwa Mukakaro zihinduye imirisho, muri ico gihugu, hakaba haguma ingorane zijanye n’umutekano uguma uhungabana mu bice bitandukanye vy’ico gihugu, aho abantu baraswa n’intagondwa zitwaza ibirwanisho.

Abasirikare n’abaporisi bo muri ico gihugu ca Egypte bakaba bari mu bantu babangamiwe cane, kuko bari mu bakunda kugirwako ibitero n’abo bitwaje ibirwanisho n’abitwa aba frères musulmans bashigikiye Mohamed Morsi. Abashigikiye Morsi rero bashika ku 1400 baramaze kwicwa, aho 700 bamaze kwicirwa ku murwa mukuru w’ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.