Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Morsi ati : "Naho bonyica sindota ntanga imihoho" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Morsi ati : "Naho bonyica sindota ntanga imihoho"

Egypte : Morsi ati : "Naho bonyica sindota ntanga imihoho"

mercredi 3 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe, imusaba gukinjura, ndetse akanahabwa amasaha 48 ngo abe yavuye ku butegetsi, ku munsi w’ejo yamenyesheje ko hako yova ku butegetsi ikiringo ciwe kitarahera yopfuma abura ubuzima bwiwe.

Amakuru ava mu gihugu ca Misiri avuga ko umukuru w’igihugu Mohamed Morsi yatangaje ku mugaragaro ko atarota atanga imihoho mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira iryo kuwa gatatu, avuga ko yiteguye no kuba yobura ubuzima bwiwe, aho gusubiza ubutegetsi bw’igihugu ca Misiri yatorewe kuyobora.

Mu gihe igisirikare camuhaye amasaha 48 ahava arangira uno musi igenekerezo rya 3 Mukakaro 2013, Morsi avuga ko asavye igisirikare gukuraho ivyo basaba kuko ategerezwa kurangiza ikiringo yatorewemwo kurongora nk’uko ibwirizwa shingiro ribimurekurira.

Ariko rero n’aho umukuru w’igihugu Morsi ariko aranana, ibintu biguma vyunyuka mu gihugu ca Misiri kuko ku munsi w’ejo gusa abantu bagera kuri mirongo ibiri aribo baguye mu mishamirano gahati y’abarwanya ubutegetsi bwa Morsi n’abayoboke biwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.