Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Egypte : Umuporisi yaciriwe imyaka 10 y’umunyororo inyuma yo kwica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Egypte : Umuporisi yaciriwe imyaka 10 y’umunyororo inyuma yo kwica (...)

Egypte : Umuporisi yaciriwe imyaka 10 y’umunyororo inyuma yo kwica abapfungwa 37

mercredi 19 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Egypte hari igisongerezi mu giporisi caciriwe imyaka 10 y’umunyororo inyuma yaho yagiriwe n’icaha co kuba yarishe abapfungwa bagera kuri 37 b’aba islamu akoresheje ivyotsi vyokera (gaz lacrymogene).

Nk’uko bishikirizwa n’ubutungane, ubwicanyi bwagirijwe uwo muporisi bwabaye igenekerezo rya 18 Gitugutu 2013, igihe abapfungwa b’aba islamu 37 bari mu kiduga c’abaporisi. Abo bapfungwa bakaba bari bajanwe mw’ibohero ry’i Abou Zaabal, hafi y’igisagara ca Misiri.
Uwo muporisi yagiriwe n’icaha akaba ari icegera ca komiseri w’ikirindiro c’abaporisi c’i Heliopolis, mu buraruko bwa Misiri, aho ico kiduga carimwo abapfungwa cari kigiye. Yakurikiwe n’ibindi bisongerezi bitatu vyo muri ako gace nyene vyaciriwe umwaka mu munyororo, inyuma yo kwagirizwa nabo kuba barishe bongera barakomeretsa abantu bitabavuyeko.

Ivyagiriji vy’abarokotse muri ubwo bwicanyi hamwe n’intahe z’umuhinga mu bijanye n’amategeko mu bushikiranganji bw’ubutungane bikaba vyumvirijwe mu rubanza rwari rwashashe. Uwo muhinga akaba yavuze ko ico kiduga carimwo abaporisi cari kigenewe gutwara abantu 24 mu gihe igiporisi cari cashizemwo abagera kuri 45.
Ico gihano cahawe ico gisongerezi kikaba kibaye mu bihano vya mbere bitanzwe mu gisata c’igiporisi mu gihugu ca Egypte kuva aho habereye imigumuko yakurikiye itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Morsi. Mukibuka ko hapfuye abantu barenga 1400 n’abarenga igihumbi bafashwe n’ubutungane.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.