Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Elton John agiye kwubakana n’umugabo nkawe, David Furnish - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Elton John agiye kwubakana n’umugabo nkawe, David Furnish

Elton John agiye kwubakana n’umugabo nkawe, David Furnish

lundi 31 Ntwarante 2014

Umuririmvyi Elton John wo mu gihugu c’Ubwongereza yatangaje ko agiye kugira ubugeni na David Furnish, umugabo nkawe, kuko ico gihugu cashize igikumu kw’itegeko rirekurira ubugeni abahuza ibitsina babisangiye.

Umunezero ni mwinshi ku bahuza ibitsina babisangiye aho mu bwongereza, inyuma y’aho muri ico gihugu batereye umukono kw’itegeko ritanga uburenganzira bw’ukwubakana ku bahuza ibitsina babisangiye.
Umuririmvyi w’umwongereza Elton John kuva mu mwaka w’2005 yabana n’umugabo mugenzi we David Furnish, bafise mbere n’abana 2 batunze biyitirira, umwe muri abo bana afise umuhagarikizi (Marraine) ariwe Lady Gaga.
Kuri uwo wa gatandatu niho iryo tegeko ribarekurira ubwo bugeni ryasohoka no mu bindi bihugu nk’Ubirigi no mu gihugu ca Pays de Galle.

Elton John, n’umunezero mwinshi ati : « Ndishimira cane igihugu canje c’Ubwongereza, hamwe n’iryo tegeko rije tukiri kumwe na David Furnish ».
Uwo muririmvyi azwi mu ndirimbo nka Sacrifice, Candle in the Wind n’izindi abandanya avuga ati : « Ko iryo tegeko rigiye ahabona, muri uku kwezi kwa Rusama, tuzoca tugira ubugeni turekuriwe n’amategeko ».
Ubwo bugeni na David Furnish bazokwubakana aremerako buzoba muri Rusama. Yabivugiye i Las Vegas, ku kinyamakuru Review-journal.

Ku rundi ruhande, igihugu c’Ububirigi cemeje iryo tegeko mu gihe hari ibindi bihugu vyo muri Afrika biryamirira kure. Aha tuvuga ibihugu nk’Ubuganda, aho abahuza ibitsina babisangiye bageramiwe no kwicwa, bamwe babanje guturirwa. Akandi karorero ni umugore yitwa Jessica Dutro w’i Portland muri Reta zunze Ubumwe za Amerika yishe umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka 4 amwiketse ko yoba afise imibereho y’abahuza ibitsina babisangiye, aho hari mu mwaka w’2012.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.