Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Elton John agiye kwubakana na David Furnish - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Elton John agiye kwubakana na David Furnish

Elton John agiye kwubakana na David Furnish

vendredi 11 Gitugutu 2013

Ehe imyaka n’imyaka irashize uwo muririvyi rurangiranwa Elton John yipfuza kurongora uwo bagendana, David Furnish.Indoto zigiye guhindurwa ukuri.

Urukundo rwa Elton John na David Furnish uno munsi rukwije imyaka 20. Bubakanye kuva mu 2005 mu Bwongereza bahawe uruhusha n’umwumvikano w’amasezerano kuko ubugeni bwabo bwite amategeko ntiyabarekurira. Ku mpeshi 2014, amategeko arekura ubugeni nk’ubwo azoba yahindutse hanyuma uyo mugabo Elton John aheze yubakane n’wo wundi mugabo David Furnish. Aha rero tukibaza ko itegeko ryo mw’ico gihugu ryahora ribuza ubugeni kubasangiye ibitsina.

"Tuzokwubakana muri ukwo kwa gatanu, aho itegeko rizoba ryagiye mungiro. Ayo mategeko akozwe ku bwacu no ku bandi benshi bari bamaze imyaka hagati ya 30 na 40 baryipfuza ariko bagatinya kwiyerekana. Hamwe itegeko ryo biturekurira tukarongorana nk’umugabo n’umugore, tuzobikora maze twishimire ko bose bamenye ko ari indoto zacu zihinduse ukuri."Bishikirizwa na Elton john umuririmvyi w’umwongereza kuri micro ya Jimmy Kimmel.

Ivyo biruko, Elton John yari yararongoye umupfasoni Renate Blaue, umuhinga mu majwi y’ubwongereza, aho bahura bagakorana urukwirikirane rw’indirimbo "Too low for Zero ’’.Imyaka 4 iheze baraheza barahukana, uwo mugabo atanguye kwiyumvira kurongora uwo basangiye igitsina, David Furnish yatanguye kumwiyumira kuva 1993. Bafitaniye abana babiri bavyaye kuri ba bagore batwara inda zitari izabo. Abo bana bitwa: Zachary na elijah.

Igihano c’Imana ku bakunzi ba Elton John

Umurongozi mu ba Isilamu w’i Tatarstan (igihugu co mu bu Risiya), atera akamo abayoboke b’Idini rya Isilamu kutitaba igiteramo ca Elton John kizobera mu bu Rusiya kuko igihana c’Imana cobarwako.

Saidjagfar Loutfoulline, mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru Nezavissimaia Gazeta ati: ikintu kimwe gisigaye nk’abayoboke b’idini n’uguhamagarira abantu kutarwa muri uwo mutego w’icaha mu kuja muri ico giteramo ca Elton John mu bu Rusiya na cane cane igiteramo c,i Kazan. Arongera ati:’’abazogenda muri ico giteramo bakongera bakaraba ibizobera ku mugaragaro bazohabwa igihano c’Imana kuko bazoba basa nabitavye inama y’i Sodoma’’.

Arabandanya ati:’’Sodoma na Gomora n’ibihugu bivugwa muri Bibiliya vyasambuwe na Allah kubw’ivyaha vy’abanyagihugu aho guhuza itsina kuba bisangiye.Ehe none Elton John ariko aramamaza kurongorana kubasangiye ibitsina’’

Twibukeko ko muri ukwo kwa gatandatu guheze umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine yasohoye itegeko rihana kwamamaza imibonano mpuzabitsina ku ba bisangiye. Ihadabu ringana 100,000 roubles (amahere akoreshwa mu bu Rusiya) angana 2.300euros( amahera y,amanyaburaya) kuba nyamahanga hamwe n,agasho k’iminsi 15 no kwirukanwa muri ico gihugu.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.