Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS : Abitavye akamo ka yegereyegere bariko baraterwa ubwoba
ENS : Abitavye akamo ka yegereyegere bariko baraterwa ubwoba
jeudi 5 Ntwarante 2015
Muri kaminuza y’inderabigisha ENS hariko haragirwa iterabwoba ku batatonze kw’ishure nk’uko twabibwiwe na bamwe mu bakozi b’iyo kaminuza.
Uwaduhaye ayo makuru, akavuga ko bagiye babona uwujejwe amategeko kuri iyo kaminuza ENS azana ibipapuro kugira hiyandike abatonze bose. Bavuga ko basanzwe bafise igitabu biyandikamwo bakanateramwo imikono ko batonze, ariko bagatangazwa n’ingene uwu musi bagiye babona hazanwa impapuro. Abo bakozi bibaza ko izo mpapuro z’abatonze zishobora guca zijanwa ku muyobozi wa kaminuza y’inderabigisha ENS, inkurikizi nazo bakaba batazizi kugeza ubu, ariko bakemeza ko ari iterabwoba gusa.
Abaduhaye amakuru, bakatumenyesha ko, baciye bahamagara bagenzi babo bari basivye kuri terefone kugira batonde. Abo bakozi nabo bakavuga ko bari bifatanije n’abandi kugira bagaragaze akababaro, ku bijanye n’ubuzima buzimvye na cane cane kw’iduzwa ry’ibiciro vyo guhamagarana hamwe n’igitoro kitamanuwe ku rugero rwo kw’isoko mpuzamakungu. Bamwe bararahira ko naho hari iryo terabwoba batageza gutonda. Ariko kugeza ubu, sendika y’abakozi ba kaminuza y’inderabigisha ENS akaba ataco iravuga, ku bijanye n’iryo terabwoba ku bakozi b’iyo kaminuza
Aristide Nizigire
Messages
5 Ntwarante 2015, 18:08, par Nuwera
Kubamwasinye kurivyobipapuro ntaterabwobaririmwo nukubera mwacerewe kukazi kandivyondizeyeko mubiziko gucererwa kukazi utarwaye canke ngurwaze umukoresha araheza akakubaza ati : What happened! Ivyorerositerabwoba nikobimeze hose kandivyo iyobikubayeko rimwe ntangaruka vyozana ngobakwirukane ariko barahezabakabibika ahadata kugira niwabigirakamenyero bikakugirira ingaruka yogutuma uhagarikwa kukazi ugatangura muvugango warenganijwe canke ugatangurakuzanamwo bimwebiharawe ngobaguhoye Ko urimumugambwe wemerera abantu kwikoza utwobishakiye mubukazibwabo, umukoreshawawe izompapuro nizoziheza zikamufasha gusigurira abarundi ico uzize. Ndarangije ndababwirako icokibazo kijanye na communications kiratubangamiye ariko nitugumekukivi reta iragifisemuminwe mumisitarambiranye nuraronka akanhishukeza ubonako mwikigihe amatora yegereje ikintu osekibaye ngonukijamwibarabara mukacamugishiramwo na politike!