Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bayaganakandi ariyamiriza itotezwa avuga ko akorerwa n’umushikiranganji (...)
Bayaganakandi ariyamiriza itotezwa avuga ko akorerwa n’umushikiranganji w’uburimyi
vendredi 6 Ruheshi 2014
Epitas Bayaganakandi arongoye STEVCO, ariyamiriza itotezwa avuga ko ariko aragirirwa na Odetta Kayitesi umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, aho aherutse gutanga itegeko ku bayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara zose, ryo guhagarika ikwiragizwa ry’igiterwa ca Stevia.
Avuga ko abariko baraburagiza ibikorwa vy’ikwiragizwa ry’ico giterwa, ari abadashaka iterambere ku munyagihugu, mu gihe abanyagihugu amajana ane buca babura akazi, kandi mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2012, ishirahamwe Stevia riraba ivyo kurima, ryaronse uruhusha rwo kwinjiza imbuto ziva hanze za stevia, uruhusha rwatanzwe n’umurongozi w’iterambere ry’imbuto nk’uko biri mw’ikete712.1/101/2012 ryo kuwa11 Gitugutu umwaka w’2012.
Epitas Bayaganakandi akavuga ko bariko batotezwa mu gihe bamaze gushira amafaranga menshi muri ico giterwa cashobora kuzanira amafaranga y’agaciro Uburundi, mu gihe kandi ikiro kimwe ca Stevia kigurwa amadolare y’Amerika agera kuri 1, 2 (hafi 2500 y’amarundi) kiguriwe mu Burundi, nayo amababi yumye ashikanywe hanze, agashora kugurwa amadolare 2,5.
Amenyesha ko abibaza ko uwo mugambi ariko awukora ku mvo za poritike bihenda rwose, kuko ubu ugeze mu ntara zishika icumi, kandi muri izo ugasanga atanabamutoye barimwo. Avuga ko abariko baramutoteza, bafise iyindi ntumbero, kandi bokubitiza agatima mpembero, bakibuka ineza y’igihugu n’umunyagihugu, aho gushaka gucinyiza iterambere ry’umunyagihugu, na rirya abamaze kuronka ingemwe zo gutera ico giterwa ca stevia bariko bitegurira guhamba ubukene. Amenyesha ko hamwe iyo ngendo yobandanya, yiteguriye gutaka n’ubutungane mpuzamakungu.
Aristide Nizigire
Messages
6 Ruheshi 2014, 18:14, par MURUNDI
NONE BARIKO BAMUHORA IKI?
6 Ruheshi 2014, 20:06, par Ntavyabarundi
Burundi manyanga iminsi yose!!Ntagihugu nakimwe abantu bosebaba mumugambwe utwara!!Ivyo biba murako gahugu gato nk’Imbaragasa ariko amanyanga y’abahavukaasumba nyagahugu:BURUNDI!!Reka ivyo teze imbere igihugu canyu hagutunurira imitunu imigambe uwuzanye iterambere yoba arimwo!!Mbega ibirofa
7 Ruheshi 2014, 02:02, par Mama
Arikwabarundi twabaye gute? mbere nitwebwegusa tuzi ubwobutungane mpuzamahanga? umva ugiraguti ukumva abamenyeshamakuru ngo ubutungane mpuzamahanga, amashirahamwe adaharanira iterambere rya reta ngo ubutungane mpuzamahanga, abanyamigambwe ngo ubutungane mpuzamahanga, uyunawe Simbananiwe nguwo ngo arahise mubutungane mpuzamahanga nabandi ntavuzengaha. Ariko kubera icogikorwa jewe numvakwaringirakamaro, ndajenzobikurikirane numve impamvu Simbananiwe ariko aridoga vyasebikunze nzomenya ukuri ahokuri.
7 Ruheshi 2014, 15:56, par Gerard
Mbega uwo Mama ajejwe iki iyo ari mubuhungiro?nimba vyose bimeze neza ko atavayo.uhimvye abarundi bose ntibahimvye
7 Ruheshi 2014, 16:14, par mukobwajana
ABARUNDI VYOOOSE NI IBITURIRE NONE BIZOGEZA HE!!!!!!MUREKE TURABE KO TWORONKA AGAFARANGA YEMWE!!!
7 Ruheshi 2014, 16:14, par mukobwajana
ABARUNDI VYOOOSE NI IBITURIRE NONE BIZOGEZA HE!!!!!!MUREKE TURABE KO TWORONKA AGAFARANGA YEMWE!!!
8 Ruheshi 2014, 04:08, par Mama
@Gerard nababaye mubuhungiro sukubera baribaramenje’ nabakiriyo sukumenja! None nambatuvyumvikanako kumbwira kondimpuzi ikibikirihehe?
8 Ruheshi 2014, 10:05, par Gerard
Mama umbabarire sukuguhangara ariko nimba ubabazwa nubuhungiro kuki munyandiko zawe uryoherwa iyo wumvise ko abandi bariko batotezwa?none wahunze kubera iki? Nabandi bitabarije bumve
8 Ruheshi 2014, 18:29, par Mama
Jewe mbona atakintu kibiwambwiye kuko narakubwiye ko nabahuze sukubera baribamenje, nubwobamwevyitwako tutahungiyehanze yigihugu ariko natwe twarahunze duhungiye mugihgu hagati nicogituma iyumbariyeko ndimpuzi ntakibi ndabibonamwo, Kubijanye nuwo muvyeyeyi Bayaganakandi jewe sinigeze ndamutuka canke ngondamwifurize kwapfa subiramwo usomeneza, ariko icojewenavuze ntarikondatahura, nukuntu ikibaye caricocose mwinomisi mu Burundi ucawumva ngo turagiye kurega mubutungane mpuzamahanga ukamengo abarundi nibobazi ubwobutungane mpuzamahanga gusa. Inama isumbimbimba. Nokubwirako uwomugambi wicogiterwa ntuzigera uhangarara ngahamu Burundi ivyorero vyogushaka kugumura abarundi ngo bagombabababuze icobatezimbere teshwamute, iconobasamba haranira ko uwomugambi ubandanya ntimuharanire abobinyenga bitekerezo canke baniwanka bimeneke wamugani wa babanyi bacu babanyarwanda.
8 Ruheshi 2014, 22:52, par Nwari
Ishimwe uraribonye amaraso yabatutsi wandadaje mwe nabuyoya mumushigikira ikiri mwishamba kugira akure nyagoma ????zirye zirye !!!!%???akataraza karinyuma ibuke ingene mwahora mubavura kuri mutaga sud heee ukuri kuzoruha kumenyekane rindira ??mbega wibaza ko uburundi busiziriye
9 Ruheshi 2014, 07:52
Nibaza yuko abarundi na cane cane abanyapolitike, boreka kwikunda. Mu gihe ababatoye bariko bicwa n’inzara, hakaboneka uwitanga ngo abamirire amate, bishoboka gute ko baca basubiza inyuma iterambere. Bashaka ku bagumiza mu mwijima hamwe n’ubukene. None hariho akandi kazi mubateguriye????????
NDASAVYE MUREKE KUNIGIRA MU MENSHI BENEWANYU!!!!!!!!!!!!!
MBEGA UWUNDI MURUNDI ARATANGA AKAZI KU BANTU NK’ABO NI NDE?
BARABISHOBOYE ARIKO N’UKWIKUNDA!!!!!!!!!!!
9 Ruheshi 2014, 23:23, par BAZOGENDA BARAGWIRA
asha,ivyo bikansesema ga yemwe!!
None bamuburaburiz*iki kandi yagomba kuramiriza leta?
Wewe ubone abanyagihugu si heza,hagize uwugira umugambi w’iterambere,bace bamugwanya!
Emwe,asanga bibaza ko hamwe yobikora bigatungana yohava abatwara igihugu,emwe ndabaremesheje. Kuko pitasi bayaga ntazwi.
Kandi vyongeye ubutegetsi si agatongo ka murundi. Umuntu aratwara hanyuma agatwarura.
25 Mukakaro 2015, 23:10, par BAYUBAGE EGIDE
UMUGAMBI WOZAMURA ABANYAGIHUGU ABIZE BAKABURA AKAZI BAKARONKA UBWO BACUMBISHA KUMWE NTAWUTOWUSHIGIKIRA AHUBWO VUGANE NUWO MUSHIRANGANJI NYAMBA ARIKTGATWE KIWE ABIHANIGWE NTITURWE MU MPORE WE USANGA AFISE MUGA NAWENE NTIYOBUZE