Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Erythree: Abashika 5000 barahunga igihugu ku kwezi
Erythree: Abashika 5000 barahunga igihugu ku kwezi
mardi 9 Ruheshi 2015
Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagize ubushakashatsi mu gihugu ca Erythree berekanye ko abanyagihugu bashika 5000 bahunga igihugu buri kwezi,kubera ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu bakorerwa.
Icegeranye cashizwe ahabona n’abahinga ba ONU kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,kimenyesha ko ibikorwa vyibonekeza ahanini ari,ihagarikwa ridakurikije amategeko,ihohoterwa,ubwicanyi,n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina.
Inyuma y’umwaka wose bariko barakora ubushakashatsi,abahinga 3 ba ONU,berekanye mu cegeranyo c’impapuro 500,ko intwaro ihari icinyiza abanyagihugu ibicishije mu guhagarika abantu,kubapfunga,kubahohotera ,kunyuruzwa ndetse bakicwa.
Abo bashakashatsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko ibikorwa mu gihugu ca Erythree biboneka hake mw’isi,kandi vyoshobora no kuja mu gisata c’ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu.
Inyuma y’abanyasiriya,abanyagihugu ba Erythree baza mu kibanza ca kabiri c’abava mu gihugu cabo bajabuka ikiyaga Mediterranee.
Messages
9 Ruheshi 2015, 16:56, par NAHABANDAHURI
HAHA KURICOGIHU IMBERE NUBURUNDI CHEF WABAHONYA AKO GATEKA NI PRESIDANT NKURUNZIZA YANKA KUREKURA MANDA 3 NGWABANTU BAHONE BAVYEYI ABANA ABATAMA ABATAMAKAZI BOS UBU NUGUHONYA NGWA NONE NGO AMAHORO ARUZUYE HA MUMUCUNGE MPAKD LAHE BAMUBAZEPE ICABONA N IMANA YATUTSE PE!
9 Ruheshi 2015, 17:07, par NAHABANDAHURI
ABAHINGA BA ONU BATOHOJAHO NIBAZ IBURUNDI SIBITSINA GUSA NI NKIHONYA BANTU BITURUTSE KUMUTWARE WABAGAHONYANGA PIERRE NKURUNZIZA KUKO ABATA MURUSIZI MUKAGERA NARUVUBABAHINGA BA ONU BATOHOJAHO NIBAZ IBURUNDI SIBITSINA GUSA NI NKIHONYA BANTU BITURUTSE KUMUTWARE WABAGAHONYANGA PIERRE NKURUNZIZA KUKO ABATA MURUSIZI MUKAGERA NARUVUBU
9 Ruheshi 2015, 19:20, par roza kamikazi
natwebwe ntaminsi isigaye ngo tumere nko muri erythree mana dufashe udukureko ibinywamaraso.