Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Espagne : Akamaramaza basanze mu nanasi
Espagne : Akamaramaza basanze mu nanasi
jeudi 4 Ruheshi 2015
Mu gihugu ca Espange ku rubibe Algesiras, urwego rw’igendereza rushinzwe kugenzura ibiyovya bwenge ruherutse gutangaza ko haherutse gufatwa itoni 2,5 z’urumogi, banyegeje indani mu nanasi zari ziturutse muri Coasta Rica.
Urwo rumogi ni rwo rwinshi rufatiwe ku mugabane wo mu bihugu by’Umuryango w’Ubumwe bw’Iburayi nk’uko vyandikwa mu kimenyeshamakuru 7sur 7. Bandika ko hari haherutse gufatwa ibindi biro 2515 vy’urumogi, aho naho hakaba hari mu Bumanuko bwa Espagne, mu bwato bwari buturutse muri Costa Rica, Izo toni 2,5 zari zitekeye mu dupande 2.296 twari twashizwe mu nanasi irimwo indani. Abagenzuzi b’urwo rwego rw’igendereza, mu 2012 niho batanguye kugenzurauwo mupaka, inyuma y’uko vyari bimaze gutahurwa ko hari icuruzwa ry’ibiyayuramutwe bihakorerwa, canke biba biturutse muri Amerika y’Epfo mu karere kavamwo ibiyayuramutwe vyinshi bicuruzwa i Buraya.
Abantu batandatu bivugwako bafise ihinguriro mumaja Epfo ya Madrid baciye batwarwa n’ibiro vy’igenderza kuko vyavugwako aribo bene urwo rumogi. Mwomenya ko Espagne yegeranye cane na Maroc naho havugwa ko hakomoka ibiyovyabwenge vyo mu bwoko bwa Haschich, kandi ikaba ifise ivyambu vyinshi vyakira amato aturuka muri Amerika y’Epfo, inaturukamwo urumogi rwinshi, bituma Espagne iba igihugu ca mbere i Buraya kigaragaramwo ivyo biyovyabwenge.
Bill Nkurunziza
Messages
4 Ruheshi 2015, 14:38, par chagy
abo bantu bashira iganja munanas baciye ubgenge.ahubgo nibabareke bidegemvye.
4 Ruheshi 2015, 16:18, par Samy eto’o uwiringiyimana
Abobant kwer baraz kuronderer ind mubury bunyaruka!! Kand bakoreshej article 4!! Ahubw nimubagirir ikigongw batandukany na pierre nkurumb ahay yica abant atac abazij!! Ndasabiy iz ncabweng muzigirir imbabz!! Kuk ndumv bafis ubweng bwarengany inanac nihatari!!!
4 Ruheshi 2015, 20:42, par DIEUDONNE KGARI BUDI
Abo Bantu Nibace Bihana Abakozi Bimana Babasengere,kuko Imana Irabakunda Ntigomba Ko Bazohona.
5 Ruheshi 2015, 10:13, par Dios
birababaje kudandaza ibiyayuramutwe
5 Ruheshi 2015, 14:03, par MURINGANIRA
HAAA" BAKEBE MPOTE" ABO BANTUNAYEZUNTAZOBIHANGANIRAKUKO BAFISE UMUGAMBIWOKWONONA IPALADIZOYA YEHOVA
22 Ruheshi 2015, 15:33, par P DIDDY
AHUBWO NIMURABE MUBAGIRIRE IKIGONGWE KUKO BACIYE UBWENGE NABICA ABANTU ATACO BABAZIZA BARAHOZE