Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ethiopia yagirijwe gukora ibitero ku rubibe rwa Erithrea - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ethiopia yagirijwe gukora ibitero ku rubibe rwa Erithrea

Ethiopia yagirijwe gukora ibitero ku rubibe rwa Erithrea

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Erithrea cagiriza Ethiopia kugira ibitero ku rubibe bisangiye ruri mu matati, ariko Ethiopia ikaba ataco irabivugako.

BBC ivuga ko izo ntambara zadutse kuri uwu w’Imana mu karere ka Tsorona, hagati na hagati mu karere karimwo ibirwanisho vyinshi.

Ababa ku ruhande rwa Ethiopia bavuze ko bumvise urwamo rw’amasasu kandi ko babonye abasirikare benshi n’ibigwanisho bikomakomeye kuri urwo rubibe. Igitigiri c’abamaze kuhasiga ubuzima ntikiramenyekana.

Amasezerano y’amahoro yo mu 2000 niyo yarangije intambara y’imyaka ibiri yahuza ivyo bihugu bibiri, ariko ntiyigeze ashirwa mu bikorwa yompi.

Iyo ntambara yatewe n’impari z’urwo rubibe nyene yahitanye ubuzima bw’abantu boba bashika 80.000.

Mw’itangazo Reta ya Erithrea yasohoye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, yamenyesheje ko Ethiopia yakoze ibitero ku rubibe rwa Erithrea mu karere ka Tsorona Central Front, ko icabitumye n’ico abakoze ico gitero bagamije gushikako bitaramenyekana.

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kumenyesha amakuru, Gatechew Reda, ubu atari mu gihugu, yabwiye BBC ko atazi ivyerekeye iyo ntambara.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.