Accueil > Amakuru > Amashuri > Eularie Nibizi asaba ko Concours national yosubirwamwo
Eularie Nibizi asaba ko Concours national yosubirwamwo
vendredi 8 Rusama 2015
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Rusama niho mu Burundi bwose hakorwa ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashuri yisumbuye. Muri Reta bavuga ko muri rusangi cakozwe neza mu gihugu,ariko muri sendika STEB bakavuga ko cari gikwiye gusubirwamwo.
Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC Eularie Nibizi arongoye sendika STEB imwe mu masendika y’abigisha,yavusze ko ikibazo cakozwe mu bihe bibi vy’umutekano muke mu gihugu,aho nko mu gisagara ca Bujumbura hari abasohowe,bigashobora gutuma abanyeshuri batamenya ico kibazo nk’uko vyategerezwa.
Eularie Nibizi avuga ko afise amakenga ku banyeshuri batakoze ico kibazo kubera bahunze igihugu canke bahungiye hagati mu gihugu,mu gihe ico kibazo gifise uburemere bunini mu bijanye n’inyigisho mu Burundi.
Asaba ko ico kibazo cosubirwamwo mu gihugu cose,agahamagarira kandi amashirahamwe mpuzamakungu Unicef na Unesco akorera mu gisata c’abana n’ubumenyi kubandanya gushigikira Uburundi.
Mw’ishirahamwe SOJPAE bavuga ko concours national itari gukorwa mu gihe hari abahunze,abandi bagakora imitima idatekanye kubera babona bajanwa n’imodoka z’igisoda,abandi nabo bagashika batevye.
Mwomenya ko aheshi ku mashuri mu gisagara ca Bujumbura abavyeyi bahereje abana babo,ibitahora biboneka iyo ico kibazo gikorwa.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Rusama 2015, 17:41, par nzoyitazira
burya ditwarwa nabantu nabadakunda igihugu bigatuma haba umwana nilinono kuki bakoresha bamwekandi uguhunga kwabavuyeko Imana idutabare ibi bintu itume MOSE adukure muri egiputaä
12 Rusama 2015, 09:40, par Etienne NZIYUMVIRA
None nkabatakoze icokibazo bizoca bigend gute? muzobaheba bobo bazoba babaye abande?
12 Rusama 2015, 09:43, par Etienne NZIYUMVIRA
Muratubarira uko bizogenda natwe dukore ico kibazo kuko aho tuba ntamutekano wariho icogihe ikibazo concours Nationale gikogwa murakoze imana ibahezagire
2 Ruheshi 2015, 21:18, par pajos
nivy nigisubirwemw
6 Ruheshi 2015, 08:53, par Claude
Turabasavye mudufashe concu national tuzo ikore muzobamukoze akazikiza.
5 Ruheshi 2016, 22:56, par Majambere pacifique
SHAKAMUMPE Concours iznokorwa igenekezo rya 8 /06/016,muburundi
4 Ruheshi 2017, 14:13, par Shimikadusenge Pacifique
Nagomba Mbaze Igihe Concour Yo Muruyu Mwaka Izokoregwa Muruyu Mwaka 2017 Murakoze