Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’abepisikopi isaba ko BNUB yokwongerwa ikiringo
Inama nkuru y’abepisikopi isaba ko BNUB yokwongerwa ikiringo
lundi 9 Kigarama 2013
Inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi irashigikiye ko BNUB, ibiro vy’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi vyokwongerwa ikiringo c’ugukorera mu Burundi kuko ibikorwa barangura bikiri ngirakamaro mu buzima bwa poritike y’Uburundi.
N’aho umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira hamwe n’ubutungane bw’inyuma y’intambara bitarashirwaho, abepisikopi bo mu Burundi baremera ko Uburundi bwateye intambwe mu bijanye n’ukuva mu ntambara. Bisunze ibirangurwa n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, BNUB (Bureau Integré des nations Unies au Burundi), inama nkuru y’abekisikopi bo mu Burundi imenyesha ko ubwo buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bwokwongerwa ikiringo, kuko buriko burafasha kugarukana icizere n’icuka ciza hagati y’abanyeporitike. Aho bafatiye kuvyo ivyo biro vyaranguye mu gufasha gutahuka ku banyeporitike b’abarundi bari bahunze igihugu bivuye ku mutekano muke wakurikiye amatora yo mu mwaka w’2010.
- Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, Umukuru w’inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi
Ibiro vy’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi buriko kandi burafasha mu bijanye n’ibiyago hagati y’abanyeporitike hamwe na Reta, kugira bashobore gutegurira hamwe amatora meza yo mu mwaka w’2015. Inama nkuru y’abepisikopi bo mu Burundi isaba rero ko ivyo biro vyokwongerwa ikiringo kugira bibandanye bifashanya na Reta y’Uburundi kugarukana umwumvikano hagati y’abanyeporitike, gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015, hamwe n’ugufasha mu bikorwa vy’amahoro n’ugusubiza hamwe.
Egide Nduwimana
Messages
10 Kigarama 2013, 20:03, par Lambert
Nagira nibutse ko Umunyamabanga w’Inama y’ABEPISKOPI gatorika b’i Burundi ari Patiri Lambert Niciteretse, uwo Musenyeri nawe akaba Umukuru wayo. Murakoze. Tomore rero ibintu, iyo hagize uwuhuba akosore. Murakoze.
NB: Ntibikenewe ko ibi bija ahabona, c’est juste pour cette rectification.