IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Fabien Segatwa:Umuryango w’ uwupfunzwe utegerezwa kumenyeshwa aho uwabo (...)

Fabien Segatwa:Umuryango w’ uwupfunzwe utegerezwa kumenyeshwa aho uwabo apfungiwe

jeudi 27 Myandagaro 2015

Umuhinga mu bijanye n’amategeko akaba n’umushingwamanza Fabien Segatwa amenyesha ko umuntu afashwe akajanwa aho apfungirwa abo mu muryango wiwe bategerezwa kumenyesha aho apfungiwe.

Fabien Segatwa avuga ko gupfunga umuntu abiwe batazi aho apfungiwe biciye inyuma y’amategeko y’igihugu hamwe n’amategeko mpuzamakungu.

Umushingwamanza Fabien Segatwa amenyesha ko mu gufata umuntu azwi aho aba,ategerezwa gufatwa yarungikiwe umutahe wo kumuhagarika,kandi ko iyo apfuye atarashikanwa imbere y’ubutungane aba azize ubusa.

Fabien Segatwa amenyesha ko Uburundi bwateye umukono ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2006,avuga ko ata muntu apfungirwa ahantu hatazwi,kuko bisa no kunyuruzwa kandi ivyo navyo bihanwa n’amategeko mpuzamakungu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Segatwa rondera ibindi ukora ivyoturabizi kandinikwobikorwa nonetwese ntitwirirwa kujakueaba abacubafunzwe kubera ababijejwe batubwiye ahobafungiwe? Ahorero wamaze gushikiriza yamashirahamwe ngoniza HRW abantunkamwe mwahisemwo gukunda gusumba igihugu mwita icanyu?.

  • Ww urumucangero mubandi.ariko m8buke ko inyungu nyinshi izib’amat8!

  • Rekarekareka ivyomuriyimyaka namayobera bahakanakwatampunzizahunze kandizirigwazirahunga nzizamubindibihugu bazemera ivyobakora ubwaba nitwagomdwa iyabavyaribisoboka bogiyekuba isomariya

  • Ntawobishobora Reka Mpore Imvyuburundi Nihatari

  • Mutama imana ikuragire kuko nta mumuntu ariho ashobora gufurwa abiwabo ntibamenye aho afungiwe kandi kirazira gufata umuntu ata mutahe w’ukumuhagarika ufise nuko ari amategeko ya nkurunziza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.